Vatican igiye gusubiza agasigarira k’ubwato bwa Yezu/Yesu i Bethlehem muri kino gihe ca Noel

Ahavuye isanamu, Reuters
Agace k'urubaho ruvugwa ko ari rumwe mu zari zigize ubwato Yezu/Yesu yavukiyemwo kagiye gusubizwa i Bethlehem inyuma y'imyaka irenga 1000 kabitswe i Bulaya.
Papa Francis yategetse ko ako gasigarira kangana n'urukumu kabitswe mu rusengero rwa Santa Maria Maggiore ruri i Roma ko gasubizwa i Bethlehem nk'akaganuke.
Ako gasigarira kari i Roma kuva mu kinjana c'indwi.
Karerekanywe i Jerusalem imbere y'uko kabandanya gushika i Bethlehem mu gihe hari hatanguye iminsi mikuru y'uguhimbaza Noel.
Abategetsi bavuga ko gashobora kuzobikwa mw'isengero ry'aba Francisco rya Catherine Mweranda, hafi y'isengero bise Nativité (ivuka) i Bethlehem rizwi ko ryubatswe aho Yezu/Yesu yavukiye.
Bivugwa ko mu kinjana c'indwi, umusenyeri mukuru wa Jerusalem, umweranda Sophonie, ari we yari yagabiye ako gahimba umu papa w'ico gihe yitwa Theodore.
Kuva ico gihe, ako gasigarira kagumye kabitswe mw'isengero Santa Maria Maggiore, aho abantu benshi bava mu mihingo yose y'isi baza kugateramira.
Abakirisitu batari bake mu karere ka Bethlehem bishimiye iyo ngingo y'ukugasubiza ako gasigarira.
Louisa Fleckenstein, umwe mu baherekeza ingenzi zigiye gutembera mu kibanza ceranda yabwiye AFP ati:
"Ni ukuri numva umutima wanje wuzuye umunezero. Numva mfise amarira kubera umunezero. Ndashimiye cane Papa kuri iyo ngingo y'iteka yafashe yo kukagarukana i Bethlehem".

Ahavuye isanamu, Reuters
Vaticano ivuga ko iyo ngingo ari nk'akaganuke gatanzwe na Papa Francis.
Umukuru w'igisagara ca Bethlehem, Anton Salman, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Palestine, Wafa, ko iyo ngingo yafashwe inyuma y'aho Perezida wa Palestine Mahmoud Abbas abisabiye Papa igihe yari mu rugendo i Vaticano.
Ifashwe kandi mu gihe hatanguye Ubushikiro, ikiringo c'indwi zine abakirisu bamara bariko bitegurira guhimbaza umunsi w'ivuka rya Yezu/Yesu, Noel.
Mu gihugu ca Palestine, abakirisitu bangana n'igice kimwe gusa kw'ijana bari mu turere twa West Bank, Gaza na Jerusalem y'ubuseruko, ariko Bethlehem ni ihuriro ry'abakirisu bava mu mihingo yose y'isi mu rugendo rweranda, cane cane mu minsi ya Noel.
Amira Hanania, umwe mu bagize komite nkuru ijejwe ibibazo vy'amasengero ya Bwana Abbas, avuga ati:
"Guhimbaza Noel hari igisigarira c'ubwato Yezu/Yesu yavukiyemwo kizoba ari ikintu gikomeye kandi ciza cane".










