Muri Kenya riraniga nyuma ya video yerekana igipolisi gihushagura umuntu

Police attack student

Ahavuye isanamu, Twitter

Insiguro y'isanamu, Iyo video, yafashwe n'umuntu ari ku nzu hejuru, yerekana abapolisi bakubita umunyeshure

Abanye Kenya bagaragaje umubabaro nyuma y'aho video yerekana abapolisi bariko barakubita umunyeshure, ikwirakwijwe hose kuri internet.

Abapolisi bane bagaragara muri iyo video bariko baramukubita inkoni banamuhonyora ku mutwe, imbere y'uko bamujana.

Abo bane baramaze kumenyekana kandi baciye bahagarikwa mu kazi, nk'uko vyatangajwe n'umukuru w'igipolisi Hilary Mutyambai.

Igipolisi ca Kenya kiragirizwa kenshi gucisha ku buhombo, ariko abajejwe intwaro baca babihosha, bakavuga ko abapolisi babo bahabwa inyigisho zo ku rwego rwo hejuru.

Ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryavuze ko mu gihe co kwiyamamaza mu matora yo mu 2017, abapolisi bakubise bakanica abashigikiye abatavuga rumwe na leta.

Ivyo vyabaye ejo ku wa mbere bigafatwa mu masanamu, vyabaye mu gihe c'imyiyerekano mu gisata c'uburimyi n'ubuhinga kuri Kaminuza ya Jomo Kenyatta, hafi y'umurwa mukuru Nairobi.

'Mwarakoze kuyikwirakwiza hose'

Abanye Kenya benshi baciye baja ku rubuga hwaniro twitter, bandika ubutumwa bwinshi bwerekana ko bababajwe n'ivyabaye.

Ispan Kimutai yanditse kuri twitter ati "Dutegerezwa kwiyamiriza gucisha ku buhombo abanyeshure bigirwa n'abapolisi. Erega uyu ni umunyeshure si inkozi y'iterabwoba."

Insiguro ya video, Yica abasuma: Bamwe ngo ni intwari abandi ngo ahonyanga amategeko. Uwo ni umupolisi Rashid

Nayo Muthuri Kathure we yanditse ati "Dutegerezwa kandi kwibaza igituma abanyeshure ba Kaminuza bakoreshwako inguvu z'umurengera igihe cose bakoze imyiyerekano."

Aho yatangaza abakubise uwo munyeshure abo ari bo hamwe n'uko bahagaritswe mu kazi, umukuru w'igipolisi yakeje "abantu bagize akenge ko gufata amasanamu y'ivyabaye".

Uyu anashimira abanye Kenya bose bayakwirakwije.

Kare, Bwana Mutyambai, yavuze ko ivyabaye ari "ibintu bibabaje".

Yagize ati "Abapolisi bose barahawe inyigisho z'ukuntu bategerezwa kwubahiriza agateka ka zina muntu hamwe n'ukwishira ukizana."