Igipolisi ca Kenya 'cafashije guhunga abapolisi bakurikiranwa ku biturire'

Ahavuye isanamu, BBC
Umugwi urwanya ibiturire muri Kenya wavuze ko igipolisi cafashije abapolisi babiri bakorana guhunga mu kurasa hejuru ku bandi bapolisi bajejwe kugwanya ibiturire bari babapfunze.
Abo bapolisi babiri basanzwe bakora mu gisata c'inyamiramabi, bafatiwe ku mugwa mukuru Nairobi ku munsi wa gatatu ku mugoroba, mu mukwabu wo kubagerageza aho abasabwe gutohoza babahaye ibihumbi 100 vy'amashilingi (amadolari 975), niko ikigo kijejwe kugwanya ibiturire cavuze.
Abo bapolisi baciye bambikwa amapingu "munyuma batabagwa na bagenzi babo bo ku biro vy'igipolisi c'ahitwa Kabete, barashe amasasu menshi yo kugabisha, abo bapolisi babone gutoroka", niko EACC yabandanije ivuga ku mbuga ya Twitter.
Muri kino gihe abo bapolisi batorotse bariko barahigwa buhongo, niko ico kigo kivuga.
Igipolisi ntaco kiravuga ku vyabaye, ariko abakoresha Twitter baciye batangura gushikiriza ico bavyiyumvirako.
Umwe muribo yavuze ko ivyabaye bisa nivyo abantu bakunze kubona mu masinema y'abakoboyi.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 1
Uwundi nawe ati hasigaye aho gusenga.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 2
Ivyabaye bisa no gusogota icumu umugwi ujejwe kugwanya ibiturire waheruka kuvuga mu kwezi guheze ko ugiye gutangura gukoresha Bibiliya ngo uhanura abanyagihugu bareke kunyonyora umutungo w'igihugu.










