Igipolisi ca Essex mu Bwongereza casanze mw'ikamyo ibiziga vy'abantu 39

Ifoto ifatiwe mu kirere y'aho vyabereye

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Ivyo biziga vyasanzwe muri kontineri y'ikamyo mu kibanza ca Waterglade Industrial Park, gikoreramwo inganda

Ivyo biziga vyasanzwe muri kontineri y'ikamyo mu kibanza ca Waterglade Industrial Park, gikoreramwo inganda.

Igolisi cahamagawe n'abatwara rusehabaniha (ambulance) imbere gato ya 01:40 ku masaha yo mu Bwongereza, nyuma yo kubona iryo bara mw'ibarabara rya Eastern Avenue, ahitwa Grays.

Umushoferi w'iyo kamyo w'imyaka 25 yamuka muri Irlande y'uburaruko, yatawe muri yombi akekwa ubwicanyi.

Igipolisi c'i Essex cavuze ko iyo kamyo yari ivuye muri Bulgariya yinjira mu Bwongereza iciye ahitwa Holyhead muri Anglesey kuwa gatandatu.

Ibimaze kugaragara ni uko abantu bakuze 38 hamwe n'umuyabaga umwe bahwereye, nk'uko bitangazwa n'igipolisi, ariko nticavuze niba hari n'umwe yatowe muri iyo kamyo ari muzima.

Umukuru w'igipolisi, Ch Supt Andrew Mariner, yavuze ko abapolisi bariko baragerageza kumenya abo bapfuye abo ari bo, ngo ariko birashobora gutwara igihe kirekire.

Yagize ati "Twafashe umushoferi w'ikamyo mu bijanye n'ivyo vyabaye, ubu akaba ari mu minwe y'abapolisi mu gihe itohoza ribandanya."

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson, yavuze ko "yaguye mu gahundwe kubera ayo mahano".

Yagize ati: "Nza ndaronka amakuru umwanya ku wundi kandi ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buriko burakorana vya hafi n'igipolisi ca Essex mu gihe tugerageza kumenya ivyabaye neza na neza.

"Ivyiyumviro vyanje kuri uno mwanya bizirikana abo bose batakaje ubuzima hamwe n'imiryango yabo."

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Priti Patel, yavuze ko "yumijwe kandi ababajwe n'iri bara ryagute", mu gihe umushingamateka wa Thurrock, Jackie Doyle-Price, yavuze ko ari "amakuru ateye ikinya".

Ikibanza vyabereyemwo i Eastern Avenue

Madamu Doyle-Price yabandanije agira ati "gukora urudandazwa rw'abantu n'igikorwa co kwigerezako", yongerako yuko yizera ko igipolisi ca Essex kiza "gushikiriza ubutungane abo bicanyi."

Seamus Leheny, ajejwe ivyo kwunguruza ibintu muri Irlande y'uburaruko, yavuze ko niba iyo kamyo yaje iva muri Bulgariya, kwinjira mu Bwongereza iciye Holyhead ari ibintu bisa "n'ibirimwo amanyanga".

Yagize ati: "Abantu bavuga ko umutekano no kugenzura vyakajijwe mu bibanza nka Dover na Calais (ku rubibe n'Ubufaransa), rero bishabora kuba bifatwa nk'ivyoroshe kwinjira baciye Cherbourg canke Roscoff, ukabandaniriza Rosslare, hanyuma ugashika kw'ibarabara rija Dublin.

"Ni inzira ndende kandi yongerako umunsi wose ku rungendo."

Abapolisi bari aho vyabereye
Abapolisi bari aho vyabereye

Mu kwezi kwa gatandatu 2000, Abashinwa b'abimukira 58 babuze impemu gushika barahwera bari mw'ikamyo yari ivuye i Dover. Babiri nibo barokotse.

Umushoferi w'iyo kamyo w'Umuholandi yarapfunzwe mu mwaka wakurikiye ahamwe n'icaha co kwica atabiteguye.

Abajejwe itohoza bahashitse

Ahavuye isanamu, Leon Neal/Getty Images