Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tuniziya Zine el Abidine Ben Ali yapfuye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tuniziya, Zine el Abidine Ben Ali, yakuwe ku butegetsi n'imigumuko mu 2011, yaryamiye ukuboko kw'abagabo.
Ben Ali yamaze ku butegetsi imyaka 23 kandi igihugu kimara imyaka gitekanye ariko gifise ubwisanzure buke.
Zine el Abidine Ben Ali yagiye atakaza icizere buke buke, biraheza bituma abanyagihugu bamukura ku butegetsi.
Yakuwe ku butegetsi mu 2011 inyuma y'imyiyerekano yadutse mu gihugu igaheza igakwiragira mu bihugu vy'abarabu biri muri Afrika ya ruguru.
Imyaka mirongo 23 imbere yaho, niwe yari yabogoje Habib Bourguiba ku butegetsi.
Igihe yaza ku butegetsi, Zine el Abidine Ben Ali yemeje impinduka ku gihugu zijanye no gushiraho intwaro rusangi, guteza imbere agateka k'abakenyezi hamwe n'igisata c'indero.
Ariko amaraso yagumye aseseka mu gihugu kibanyi ca Algeria, yatumye atinya intagondwa z'abari mw'idini rya Islam.
Yarateje imbere ubutunzi bw'igihugu ca Tuniziya ariko ntanumwe yigeze yihenda ngo yemere intsinzi ziwe 3 zikurikirana kuri 99,9% y'amajwi mu matora y'umukuru w'igihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyuma y'imyaka y'agakandamizo urupfu rwa Mohamed Bouazizi nirwo rwabaye inkabuzo - uwo umuhungu akiri muto ataco yari afise kirengeje, niwe yakuje burundu ku butegetsi umuryango wa Ben Ali.
Bouazizi yadandaza ivyamwa n'imboga atabifitiye uruhusha kubera atashobora kuronka akazi kazwi n'amategeko.
Mu 2010 Bouazizi yariyahuje umuriro, biraheza bikabura imyiyerekano mu gihugu cose ca Tuniziya bituma Ben Ali ava ku butgetsi, bitangaza abantu benshi igihe yafata indege ahungira muri Arabiya Saoudite.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu kwezi kwa 6 mu mwaka wa 2011, Sentare ya Tuniziya yaciriye urubanza uwahoze ari umukuru w'igihugu Ben Ali atariho ari, rw'umunyororo w'imyaka 35 yagirizwa kunyuruza amafranga ya leta.
Ukuntu yakoresha amashirahamwe agizwe n'abakora iperereza, abatanga inkuru batazwi n'amategeko hamwe n'igipolisi kijejwe iperereza vyatumye Ben Ali aguma ku butegetsi.
Ariko amakuru kavuye kuri ukwo gukurikirana birengeje abantu vyerekanye ko ataco yamaze.










