Prezida wa Tuniziya, Beji Caid Essebsi, ashaka ko haba ukungana mu gutorana ku bagabo no ku bagore

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Tuniziya avuga ko ashaka gushikiriza mu nama nshingamateka integuro y'itegeko ribwiriza ukungana hagati y'abagore n'abagabo mu bijanye no gutorana ku mitungo isizwe.
Hakurikijwe amategeko y'idini yra Islam, abagabo batora inshuro zibiri kurusha abagore, ariko bwana Essebsi yashimangiye yuko Tuniziya ari igihugu cemera ubwigenge.
Yari yitezwe gushikiriza integuro y'itegeko rivugira abagore ku bijanye no kungana mu gutorana ku munsi w'abagore muri Tuniziya.
Umukuru w'igihugu kandi yari yitezwe gutangaza itegeko ryerekeye agateka k'abahuza ibitsina babisangiye hamwe n'abahinduje ibitsina.
Ariko yamenyesheje ko agire ashinge umugwi uzokwiga ku vyiyumviro vyashikirijwe imbere y'uko bitangazwa.
Ivyo ngo ni kugira ngo ntabangamire ukwemera kw'abanye Tuniziya canke ngo bahave bamwita umuhakanyi.






