Ikigandaro c'iminsi itatu catangajwe mu kwibuka Robert Mugabe yanagizwe incungu y’igihugu

Igihugu ca Zimbabwe catanguye ikigandaro c'iminsi itatu bibuka uwahoze arongye ico gihugu Robert Mugabe yasandavye ejo ku wa gatanu.

Bwana Mugabe, yarongoye igihugu ca Zimbabwe kuva cikukira, akaba yagiye kuva ku butegetsi akuweho n'igisirikare mu mwaka wa 2017.

Hagati aho, umugambwe uri ku butegetsi Zanu-PF ari wo mugambwe wiwe, wamutangaje ko ari "incungu y'igihugu".

Abategetsi ba Zimbabwe ntibaramenyesha ishingurwa ryiwe, mu gihe abategetsi b'igihugu ca Singapour ariyo yasandabiye bariko barakorana n'ubuserukizi bwa Zimbabwe kugira ngo batahukane ikiziga ciwe.

Emmerson Mnangagwa yahoze ari icegera ciwe ubu akaba ari we aramutswa igihugu, abandanya ashimagiza Bwana Mugabe kuva yumvise urupfu rwiwe.

Bwana Mnangagwa yavuze ko umugambwe Zanu-PF uri ku butegetsi "wamuhaye iteka ry'ukwitwa incungu y'igihugu, iteka yari akwiriye".

Eka n'abategetsi ba Afrika barashimagiza uyo yahoze arongoye igihugu ca Zimbabwe nk'ummwe mu banyepolitike bakomeye mu mateka y'umugabane wa Afrika.

Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa yavuze ko Bwana Mugabe "yabaye inkingi y'urugamba rwa Afrika rw'ukurwanya ubukoloni", kandi ko yababereye icirore mu rugamba rw'ukurwanya intwaro karyanishamiryango.

Umukuru w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, avuga ko Bwana Mugabe "yagize uruhara rukomeye mu guharanira inyungu z'umugabane wa Afrika" kandi ko yari "umuntu w'ishaka atigera atinya guharanira ico yiyemeje n'aho kitaba gishigikiwe na benshi".

Mu mpera z'iyi ndwi, Kenya yafashe ingingo y'ukuduza amabendera gushika hagati mu