Umucamanza wa Afrika y’Epfo yapfuye akomowe n’inzoka muri Zambia

Umucamanza wa sentare y'akazi, Anton Steenkamp w'imyaka 57 y'amavuko, yapfuye akomoye n'imamba - imwe mu nzoka zifise ubumara bukaze - mu gihe yari mu karuhuko kiwe mu gihugu ca Zambia ejo ku munsi wa mbere.

Umubanyi wiwe Ruby Steenkamp yabwiye urubuga ngurukanabumenyi rw'ikinyamakuru News24 co muri Afrika y'Epfo ko ari ibintu bisiga ubwenge.

Avuga ati: " Twumiwe. Twabuze ico tuvuga. Yari umugabo w'igitangaza. Umutambukanyi wiwe Katarina, aracari wenyene muri Zambia. Bariko batembera muri Afrika".

"Twebwe nk'umuryango wiwe twari tumwishimiye cane rwose".

Abicishije ku rubuga hwaniro rwa Twitter, umwanditsi Max du Preez w'ico kinyamakuru yashimagije umucamanza Steenkamp, avuga ko yari "incabwenge, intungane, ajana n'ibihe kandi ko yari azi kubana cane n'abandi".