Juan Guaidó atavuga rumwe na leta ya Venezuela ategura imyiyerekano y'uguhagarika ubuzima

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Venezuela, Juan Guaidó, asaba abanyagihugu kuja mu myiyerekano y'urutavanako kugira umukuru w'ico gihugu, Nicolás Maduro, ave ku butegetsi.
Bwana Guaidó asaba abakozi ba leta ko kuri uno munsi wa kane bitaba ako kamo, akavuga ko ivyo vyotuma ubuzima buhagarara mu gihugu cose.
Mu rukurikirane rw'ubutumwa yacishije ku rubuga hwaniro rwa Twitter mu rurmi rw'iki espanyole, Bwana Guaidó avuga ko intambwe ya nyuma mu rugamba yise "Operation Liberty" (urugamba rw'ubwigenge) yatanguye, ko rero hari hasigaye ko abakozi ba leta kwifatanya n'abandi.
Asaba abari mu myiyerekano kuguma mw'ibarabara gushika leta ya Bwana Maduro itanze imihoho.
Kuva mu ndwi ziheze, Bwana Guaidó abandanya asaba ibisata vyegukira leta kumushigikira - ariko umumenyeshamakuru wa BBC Candace Piette akorera mu karere ka Amerika avuga ko kubigarurira ari igikorwa kitazokworoha.
Kuva mu myaka iheze, abakozi ba leta bamye babwirwa ko mu gihe batokwitabira amahuriro ya leta bashobora gutakaza ubuzi bwabo.
Uyo munyamakuru wa BBC amenyesha ko mu gihe uyo mukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi yobigarurira, yoba ari intsinzi ikomeye kuri we mu guhangana na Perezida Maduro.
Ejo ku munsi wa gatatu, abashigikiye leta n'abayirwanya barakoze imyiyerekano ikomeye, bamwe bamwe ku ruhande rwabo.
Iyo myiyerekano yompi yatanguye mu mutekano, ariko mu nyuma hari amakuru yavuga ko habaye ukurasana mu gisagara.
Ishirahamwe ritegamiye leta ryo muri ico gihugu, Venezuelan Observatory of Social Conflict, rimenyesha ko umukenyezi w'imyaka 27 yishwe arashwe mu myiyerekano y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi yariko ibera muri karitiye ya Altamira.
Abantu hafi 46 barakomeretse mu mishamirano hagati y'abajejwe umutekano n'abatavuga rumwe na leta ya Bwana Maduro.
Hagati aho, Bwana Maduro yahakanye amakuru yavuga ko yari yiteguye guhunga, akagiriza Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko ariyo yari yateguye itembagaza ry'ubutegetsi.
Hari ukutumvikana hagati y'ibihugu vy'Uburusiya na Amerika kuri izo ndyane ziri mu gihugu ca Venezuela.
Umunyamabanga wa leta wa Amerika, Mike Pompeo, avuga ko Amerika ishobora gufata ingingo za gisirikare kugira ngo ihagarike iyo migumuko, akagiriza ibihugu vy'Uburusiya na Cuba ko biriko birahungabanya umutekano wa Venezuela mu gushigikira Bwana Maduro.
Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov, yagiriza Amerika ko inyifato y'ico gihugu ari iyo gusambura kandi ko iteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu.











