Mu Buyapani hatanguye urubanza abakundana bahuje ibitsina baregamwo leta

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu Buyapani hatanguye urubanza rwa mbere mu manza cumi na zitatu zashikanywe muri sentare n'abakundana bafise ibitsina bisa, canke aba gay, basaba uburenganzira bwo kwubakana.
Abarega bashaka guhabwa inshumbusho na leta bakavuga yuko kuba Ubuyapani bwarabankiye kwubakana ari ukurenga kw'ibwirizwa shingiro.
Ibwirizwa shingiro ry'Ubuyapani rivuga ko "kwubakana bitegerezwa kuba gusa ari uko ibitsina vyombi bivyemeye".
Abajejwe intwaro bamye babifata nk'uko bisigura ko kwubakana kw'aba gay kutemewe.
Ariko abahinga mu vy'amatekgeko bavuga ko ata kintu na kimwe mw'ibwirizwa shingiro ry'Ubuyapani kibuza ukwo kwubakana.
Itororokanywa ry'ivyiyumviro mu Buyapani ryerekana ko ubukwe bw'abantu bafise ibitsina bisa gushigikiwe cane.






