Mu Budagi batashe ubukwe bwa mbere bw'aba 'Gay'.

Ubudagi bwemeye aba Gay kuva 2001

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Karl Kreile (ibubanfu) na Bodo Mende (iburyo), bamaranye imyaka 38

Abagabo babiri bubakanye mu mategeko mu Budage, ku munsi wa mbere wo kwemererwa gushingirana mu mategeko, ku bahuza ibitsina babisangiye.

Karl Kreile na Bodo Mende, abagabo bamaranye imyaka 38 bakundana, bambikanye impeta mu kibanza Schöneberg, mu muji wa Berlin.

Abajejwe gusezeranya abageni mu bisagara vyo mu Budage uno munsi bari buguruye ibiro n'ubwo bitamenyerewe ku minsi nk'iyi yo kuw'Imana, mu ntumbero yo gusezeranya abifuza ubwo bugeni.

Gusezerana hagati y'abahuza ibitsina babisangiye bizofasha abubakanye muri ubwo buryo kugira uburenganzira bumwe n'imiryango y'abubakanye ari abagabo n'abagore, haba ku bijanye n'amakori canke kurera abana.

Abahuza ibitsina babisangiye bari basanzwe bemewe mu Budagi ariko badafise uburenganzira bumwe n'abandi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abahuza ibitsina babisangiye bari basanzwe bemewe mu Budagi ariko badafise uburenganzira bumwe n'abandi

Ubudagi bwemereye abahuza ibitsina babisangiye kubana mu mategeko kuva mu 2001, ariko rero ntibari bafise uburenganzira bumwe nk'ababana ari abagabo n'abagore.

Inama nshingamateka yaratoye kw'itegeko ryo kunganisha uburenganzira bugenga abubakanye, hatitaweho ko ari abo ibitsina bitandukanye canke bisa.

Aho hari mu kwezi kwa gatandatu, igihe umukuru wa leta y'Ubudage Angela Merkel arekeye gutangira iryo tegeko nk'uko yari asanzwe abikora hambere.