Muri Uganda aba 'gay' babujijwe gukorana

Ahavuye isanamu, NOne
Abantu baharurwa mu mirongo bari bateguye guhurira hamwe, basanzajwe n'igipolosi mu muji wa Entebbe, igihe bagerageza guhurira ku nkengera z'amazi muri uwo muji.
Igihe abo bantu bagerageza kwimurira ibirori vyabo ahandi iruhande y'amazi y'ikiyaga Victoria, naho nyene igipolisi cabakuyeho.

Ahavuye isanamu, None
Abapolsi baciye baherekeza imodokari za bisi zigera kuri zitanu zuzuye abantu, zerekeza mu murwa mukuru Kampala.
Umushikiranganji wa Uganda ashinwe umuco n'inyifato ibereye, Simon Lokodo, mu kwezi guheze yavuze ko atazokwemera ibiroro ivyo ari vyo vyose biteguwe n'abahuza ibitsina babisangiye.
Guhuza ibitsina hagati y'ababisangiye canke 'homosexualite', bihanwa n'amategeko muri Uganda






