Abantu barenga 100.000 ntawuzi irengero ryabo nyuma y'igihuhusi mu bubanuko bushira ubuseruko bwa Afrika

Ahavuye isanamu, AFP
Igihugu ca Mozambique catanguje ikigandaro c'iminsi itatu co kwunamira abantu barenga amajana abiri bishwe n'igihuhusi Idai, cashegeshe akarere k'ubumanuko bushira ubuseruko bwa Afrika.
Umunyamakuru wa BBC ari mu muji wa Beira muri Mozambique, wasibanganijwe n'ico gihuhusi, yavuze ko abajejwe gutabara vyabataye ku w'amazi.
Itumatumanako ryahagaze, amabarabara ntarengana bigatuma imihana imwe imwe ata buryo na bumwe bwo kuyishikira buhari.
Mu buseruko bwa Zimbabwe, ibihumbi vy'abantu ntibagira aho bakika umusaya, kandi abashikiranganji bemeje ko bananiwe kwitegurira ingaruka z'iki gihuhusi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Biravugwa yuko imiti iriko irakena ngo kandi ivyankenerwe bike bihari navyo biri ku muhero.
Ushobora gushima gusoma n'ibi:






