Leta ya Amerika yategetse ko hihwezwa ingene indege ya Boeing 737 Max yaronse uruhusha rwo kuguruka

Indege 737 Max 8 yegukira ikompanyi American Airlines yarahagaritswe ku kibuga c'indege ca Miami muri leta ya Florida

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indege 737 Max 8 yegukira ikompanyi American Airlines yarahagaritswe ku kibuga c'indege ca Miami muri leta ya Florida

Ubutegetsi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwategetse ko hihwezwa ingene indege 737 Max y'ikompanyi Boeing yaronse uruhusha rwo kuguruka.

Ivyo bishitse inyuma y'amasanganya abiri y'indege yo muri ubwo bwoko mu kiringo c'amezi atanu, abahinga bakamenyesha ko hari "isano rinini" hagati y'ayo masanganya.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe gutwara abantu n'ibintu, Elaine Chao, asaba umugenduzi mukuru ajejwe gutwara abantu n'ibintu gukora umwihwezo w'ingene iyo ndege yaronse uruhusha rwo kuguruka.

Kimwe mu biriko vyihwezwa cane n'abariko bakora amatohoza, ni ingene ivyuma bifasha iyo ndege 737 Max kuguma itumbereye bikora - ivyuma Boeing ivuga ko bikeneye gusubirwamwo.

Mw'ikete yandikiye Calvin Scovel, umugenduzi mukuru ajejwe gutwara abantu n'ibintu, umupfasoni Chao yamenyesheje ko yipfuza ko haba uwo mwihwezo kugira ngo "afashe ubuyobozi bwa Amerika bujejwe ingendo z'indege, FAA, gutunganya neza ibijanye n'umutekano w'ingenzi".

Inyuma y'isanganya ry'indege y'ikompanyi Ethiopian Airlines ku wa 10 z'uku kwezi kwa gatatu abantu baribajije ibibazo vyinshi ku catumye FAA ifata umwanya muremure kugira ngo ihagarike ingendo z'iyo ndege 737 Max.

Iryo sanganya rikaba ryakurikiye irindi ry'indege yo muri ubu bwoko y'ikompanyi Lion Air yo mu gihugu ca Indonesia mu kwezi kw'icumi kw'umwaka uheze.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko ubushikiranganji bw'ubucamanza muri Amerika buriko butohoza uko ubwo buyobozi bwari busanzwe bukurikirana ingene iyo ndege ikora.

Hagati aho, ibihugu vya Bulaya hamwe na Canada bivuga ko biriko vyihweza ibijanye n'umutekano w'iyo ndege, ico kigashobora gutuma iyo ndege biyigora mu nteguro zayo z'ugusubira kuguruka.

Ikigo ca Bulaya kijejwe umutekano w'indege, EASA, kimenyesha ko kizokora umwihwezo co nyene ku bijanye n'ibizoba vyahindutse ku kungene iyo ndege ikoze.

Patrick Ky, umuyobozi w'ico kigo, yabwiye umurwi w'abashingamateka ba Bulaya ati: " Ntituzokwemerera iyo ndege kuguruka tutaronse inyishu nyazo ku bibazo vyacu vyose dufise".

Igihugu ca Canada ku ruhande rwaco, kimenyesha ko muri kazoza ari co co nyene ubwaco kizokwitangira uruhusha ku ndege ya 737 Max, aho kwizera uruzoba rwatanzwe na FAA.

Canada nayo yategetse ko ingendo z'indege ya Boeing 737 Max zihagarikwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Canada nayo yategetse ko ingendo z'indege ya Boeing 737 Max zihagarikwa

Ubuyobozi bwa Amerika bujejwe ingendo z'indege ntaco bwashimye gushikiriza kuri izo ngingo zafashwe na Canada hamwe n'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Bulaya.

Mw'itangazo bwasohoye, bumenyesha ko bwamye bukora ibikenewe vyose kandi bukorana n'ibindi bigo vy'indege mu gukomeza umutekano w'indege muri Amerika no kw'isi yose.

Ayo masanganya yompi yahitanye ubuzima bw'abantu 346.

Mu gihe gushika ubu ata cemezo ntabanduka kiraboneka cerekana isano riri hagati y'ayo masanganya, abahinga b'abafaransa bariko bakora amatohoza ku ndege y'ikompanyi Ethiopian Airlines bavuga y'uko amatohoza yerekana ko "hari isano rinini".

Ikompanyi Boeing rimenyesha ko rizotanga amakuru yose azokenerwa mw'itohoza rizokorwa n'umugenduzi mukuru ajejwe gutwara abantu n'ibintu.