Ikigo ca Buraya kijejwe umutekano w'indege caciye kuri uwo mugabane indege z'ubwoko Boeing 737 Max

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikigo ca Buraya kijejwe umutekano w'indege, EASA, cabujije kugurukira mu kirere c'i Buraya indege z'ubwoko Boeing 737 Max, zimaze kugira amasanganya abiri mu mezi atanu.
Ico kigo cavuze ko kiriko kirafata ingingo zose zikenewe kugira umutekano w'ingenzi zikoresha indege ube wose.
Kare ibihugu vyinshi vyo hanze y'umugabane wa Buraya (Maleziya, Singapore, Ubushinwa hamwe na Australia) vyafashe ingingo ziza nk'iyo.
Abanye politike bamwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho ubwo bwoko bw'indege bukorerwa, nabo basavye ko iyo ndege iba irahagaritswe mu gihe amatohoza ku mpanuka zabaye abandanya.
Ariko abajewe gushinga amategeko agenga ivy'indege bo birinze gufata icemezo ico ari co cose.
Kare umukuru w'igihugu Trump yanditse ubutumwa ku rubuga hwaniro Twitter avuga ko indege zisigaye zihinguranye ubuhinga bwinshi ku buryo zigoye gutwara.
Yongoyeko yuko ubu hakenewe abahinga mu vya computer hako bobaye abadereva, ngo kandi ukuntu ubuhinga bw'indege bufinditse biteza ikibazo.






