Isanganya ry'itereni ryahitanye abantu 32 muri Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo

Ahavuye isanamu, ISSOUF SANOGO
Abantu bashika 32 nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana abandi 78 barakomereka mw'isanganya ry'itereni ryabaye ku wa Mungu mu gihugu ca Republika y'Intwaro rusangi ya Kongo.
Iryo sanganya ryabereye ahitwa Bena Leka, ni mu ntara ya Kasai, aho iyo tereni itwara ibintu ariko ikaba yarimwo n'abantu bagizwe ahanini n'abana yatembagara ihushije inzira.
Igipolisi muri ico gihugu kimenyesha ko ibiduga vy'iyo tereni vyinshi vyatembagariye mu ruzi Lwende.
Umukozi wo mu biro vya buramatari w'iyo ntara yabwiye BBC ko gushika ubu abo 32 aribo bamaze kumenyekana ko baguye mw'iryo sanganya, ariko ko ico gitigiri gishobora kwongerekana mu gihe ibikorwa vyo kurondera abandi bikibandanya.
Icateye iryo sanganya gushika ubu ntikiramenyekana.
Iryo ni isanganya rigira gatatu kuva uyu mwaka utanguye muri Kongo yo hagati ihanzwe n'amasanganya nk'ayo kubera izo tereni n'amabarabara yazo ashaje, akaba ari ayo kuva mu gihe ico gihugu cari kigitwarwa n'abakoloni.
Gufata ingendo ni ingorane muri ico gihugu co muri Afrika yo hagati kingana n'Ubulaya bw'Uburengerazuba.
Nico gituma usanga ingenzi zirondera kwiyunguruza mu buryo butemewe n'amategeko, nk'ukwurira amatereni atwara ibintu kugira ngo bashobore gukora ibikorwa vyabo vya minsi yose.










