Igipolisi ca Zimbabwe cibaza ko abantu 30 bashobora kuba basize ubuzima mu birombwe

Abakozi bo mu kirombwe i Mazowe, itariki 05/04/2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imigwi y'abajejwe gutabara ivuga ko ata cizere ifise co kubona abakiri bazima

Igipolisi mu gihugu ca Zimbabwe kivuga ko gifise ubwoba bw'uko abantu mirongo itatu bashobora kuba barasize ubuzima mu kirombwe nyuma y'imyuzure yatewe n'imvura nyinshi.

Ubu bariko barakura amazi mu mihora ijana mu birombwe bibiri biri hafi y'umuji wa Kadoma, mu bumanuko bushira uburengero bw'umurwa mukuru Harare.

Imigwi y'abajejwe gutabara ivuga ko ata cizere ifise co kubona abakiri bazima.

Ikigo cimba inzahabu, Rio Zimbabwe, nyene kimwe muri ivyo birombwe, kivuga ko hari abantu binjiye mu kirombwe batavyemerewe ngo kuko umuhora baciyemwo wari warugawe.

Abo bimvyi b'ubutare bivugwa ko bamanutse mu kuzimu ku mugoroba wo ku wa kabiri imbere y'uko imvura nyinshi imena urugomero, bituma haba imyuzure.