Prezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa avuga ko yumijwe n'amabi y'abajejwe umutekano

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, avuga ko yategetse ko hafatwa abajejwe umutekano bagaragaye mw'ivideo bakubita umugabo akiri muto bari bafashe.
Abicishije ku rubuga hwaniro twitter, Prezida Manangagwa yavuze ko yumijwe n'inkuru yaravye ku gitangazamakuru Sky News.
Video yerekana umugabo aboshwe n'amapingu akurwa mu muduga agakubitwa inshuro nyinshi ku mutwe.
Umugwi w'agateka ka zina muntu washizweko na leta muri Zimbabwe wagirije abasirikare kuba barakoze ibikorwa vyo gukubagura abari mu myiyerekano.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe rijejwe agateka ka zina muntu muri Zimbabwe rivuga ko abantu bashika hafi umunani boba barishwe mu ndwi imawe - benshi barasishwa amasasu nyayo.
Mu ndwi iheze umuvugizi wa leta yahagaze ku gikorwa c'abajejwe umutekano, abwira BBC ati: "Iyo ibintu bisa n'ibiriko birarenza urugero, igikenya gikeyi kiba gikenewe."






