Indwara ya Kanseri irabangamiye abarundi bategerezwa kwivuriza hanze ku bukene bw'abaganga.

Mu Burundi havugwa ikibazo c'ubukene bw'abaganga banonosoye ivyo kuvura iyo ngwara hamwe n'ibikoresho, abagwayi babishoboye baja kwivuriza hanze y'igihugu.
Ibiharuro bihari vyerekana ingene ingwara ya cancer yifashe mu Burundi ni ivyo muri 2012.
Ariko na vyo nyene vyatunganijwe n'urwego mpuzamakungu rukora ubushakashatsi ku ndwara ya kanseri "Centre International de Recherche sur le Cancer" (CIRC) rukukira OMS.
Ubushakashatsi bw'urwo rwego bwerekana ko ibice bitanu kw'ijana vy'abitaba imana buri mwaka mu Burundi, bahitanwa na cancer.
Ubwo bushakashatsi nyene bubandanya buvuga ko n'imiburiburi abantu barenga ibihumbi 7 aribo biyongera ku ba gwayi ba cancer buri mwaka.
Abageramiwe cane bakaba ari abakenyezi bakunzwe gutorwa cancer yo mu gitereko.
Kwivuza iyo ngwara biragoye cane na rirya mu Burundi ata baganga bahari bakwiye bayivura.
Ababishoboye baja kwivuza hanze y'igihugu bikabasaba uburyo bw'umurengera.
BBC yavuganye n'umwe mu bagendana iyo ngwara yagize amahirwe yo kuja kwivuriza mu mahanga, maze asigurira ingorane bafise.
Yagize ati: 'Ntidufise aho duhungira. Benshi mu bagwaye bihutira kuja hanze nko mu Rwanda n'ahandi. Ariko usanga bisaba uburyo bwinshi cane'.
Yabandanije ati: 'Ikindi kibabaje, uza wumva abantu bariko baradutwenga ngo tugwaye umugera wa Sida kubera tuba twonze cane. Reta nirondera abaganga babinonosoye baze kudufasha. Ikwiye kuja irihata irungitse abanyeshure hanze, ije irashiramwo abiga ibijanye no kuvura cancer'.
Mw'itangazo ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwasohoye kuri uno wa mbere, buremeza ko mu Burundi ata bahinga bakwiye banonosoye ivyo kuvura ingwara ya cancer bahari.
Nkuko bivugwa n'urwego CIRC, cancer iza ubugira kabiri mu ngwara zihitana abantu benshi kw'isi.
Ibice 70 kw'jana vy'abapfa baturuka mu bihugu bikenye.










