Inyama zihinguye 'zishobora gutera cancer yo mw'ibere'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kurya kenshi imfungurwa nk'inyama y'ingurube ihinguye n'isosiso birongereza ugushobora gufatwa na cencer yo mw'ibere, nk'uko bivugwa n'abashakashatsi.
Ivyigwa vyasanze abapfasoni barya urugero runini rw'inyama zihinguye ugushobora kwandura ingwara ya cancer yo mw'ibere kwongerekana ku bice 9% ugereranije n'abarya zike.
Ivyo vyigwa vyaje bishigikira ivyari vyatowe n'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, ryavuze ko inyama zihinguye zitera cancer.
Abahinga bavuga ko ivyo vyatowe bikwiye kwitonderwa bakavuga ko ukugeramigwa kuri buri mukenyezi 'kuri hasi cane'.
Umuntu yokwizera ku rugero rungana iki ivyo vyigwa?
Ico cegeranyo kirimwo ivyerekeye amatohoza yo ku bapfasoni barenga umuliyoni, cerekana isano riri hagati yp kurya inyama zihinguye no gushobora kugwara cancer yo mw'ibere, ariko ntibigaragara neza nimba izo ndya ari zitera iyo ngwara.
Hari n'iyindi mitego yo kwihweza neza.
Ivyo vyigwa 15 vyakoreshejwe mu mwihwezo bifise insiguro zitandukanye ku vyerekeye ku kurya urugero rwinshi.
Nk'akarorero, kimwe mu vyigwa vyo mu Bwongereza kiri muri ico cegeranyo kivuga ko kurya vyinshi ari igarama 9 buri musimu gihe abandi bandi bafatira ku biharuro biri hejuru gusumba.
Abashakashatsi bagize ico cigwa baranditse ivyo abantu bavuga ko bariye baca barabakurikirana kugira barabe muri bo abagwara cancer yo mw'ibere.
Ariko ikibazo kuri ivyo n'uko abantu bariye inyama zitandukanye zihinguye bashobora kugira iyindi nyifato ishobora gusigura iyo cancer yo mw'ibere, nko kuba usanzwe udafise canke ufise amagara meza.
N'izihe nkurikizi?
Mu Bwongereza abapfasoni 14 ku bapfasoni 100 baragwara cancer yo mw'ibere igihe ico ari co cose mu buzima bwabo.
Ivyo bisigura ko ibice9% vyiyongera kuri abo bantu bishobora gutuma umuntu yitega ko hiyongera uwundi mupfasoni umwe kw'ijana bagwara cancer.
Ikigo kigira amatohoza kuri cancer mu Bwongereza kigereranya ibice 23% vya cancer yo mw'ibere bishobora kwirindwa.
Bigereranywa ko ibice 8% iterwa n'ibiro vyinshi n'ingwara yo kuvyibuha cane abandi 8% bikava ku nzoga.
Abakoze ivyo vyigwa, vyashizwe kinyamakuru ca International Journal of Cancer, bavuze ko ivyo babonye bifatiye ku nyama zihinguye bitaraba izndi nyama zisanzwe.
OMS yashize ku rutonde inyama zihinguye mu bitera canecer, ubwa mbera kubera ifitaniye isano na cencer yo mu mara, no mu gihe ivuga ko n'inyama zisanzwe "zishobora kuba zitera cancer."
Inyama zihinguwe bisigura iki?

Inyama zihinguye n'iziba zongorerejwe imisi yo gushobora kubokwa canke kuzihindura icanga, kenshi na kenshi mu kuzicisha ku muriro, kwongereza umunyu canke ibindi birungo kugira zibikike.
Muri izo harimwo inyama y'ingurube, isosiso, ikoronebefu, jambo, inyama y'inka iriko umunyu...
Hari uburyo bwinshi bushobora gusigura iyongerekana ryo gushobora kugwara cancer harimwo umunyu wakoreshejwe ushobora guhura na ndemamubiri iri mu nyama igaca iba ikintu gitera cancer.
Vyiza none twoheba inyama zihinguye?
Uwari arongoye abagize ivyo vyigwa Dr Maryam Farvid wo mw'ishure ryigisha ivyerekeye amagara y'abantu rya Harvard TH Chan muri Amerika ahanura kuganya kurya inyama hakuziheba burundu.
Mu misi ya vuba ikigo kijejwe amagara y'abantu cahanuye kuza barya inyama zitarenga igarama 70 z'inyama zisanzwe n'izihinguwe muri musi.










