Indwara ya kanseri ishobora guhitana hafi imiliyoni 10 uno mwaka

Ahavuye isanamu, Science Photo Library
Mu cigwa gishasha bivugwa ko abantu bashasha imiliyoni 18.1 bazofatwa n'indwara ya kanseri, igashobora guhitana abashika hafi imiliyoni 10 uno mwaka.
Ukwo kwiyongera kuva ku miliyoni 14.1 z'abanduye n'imiliyoni 8.2 z'abapfuye mu 2012, ngo kuva ku kwiyongera kw'abantu bashaje.
Muri ivyo bitigiri bishasha bivugwa ko umugabo umwe kuri batanu, hamwe n'umugore umwe kuri batandatu bazokwandura iyo ndwara mu buzima.
Ngo mu gihe ibihugu bibandanya kwikenura, abantu benshi bazofatwa n'iyo ndwara bivuye ku kubaho neza, ivyo bigahushana n'abayitegwa n'ubukene.
Ikigo gikora ubushakashatsi kuri kanseri "International Agency for Research on Cancer" (IARC) kiratanga kenshi amashusho yerekana urugero indwara ya kanseri iba igezeko kw'isi, kikihweza kanseri z'ubwoko 36 mu bihugu 185.
Abashakashatsi bavuga ko naho uburyo bwo kwegeranya amakuru ajanye na kanseri bwateye imbere, ko ivyibonekeza cane arukwo ibitigiri vy'abapfa biguma vyiyongera ukwo imyaka igenda.
Ico cigwa gishasha kivuga ko kanseri yo mu mahaha, kanseri itera abagore mu mabere na kanseri yo mu nsogi, ari ica gatatu ca kanseri zica abantu kw'isi.
'Kugenzura itabi'
Abasohoye ico cegeranyo bavuga ko kanseri yo mu mahaha ariyo iri mu zica abagore benshi mu bihugu 28 vyakozweko ubushakashatsi.
Ibihugu vyibasiwe kurusha ibindi bigizwe na Amerika, Hongrie, Danemark, Ubushinwa na Nouvelle Zélande.
George Butterworth wo mu kigo ca kanseri co mu Bwongereza "Cancer Research UK" avuga ati: "Itabi niryo ryonyene rituma abagore benshi kw'isi bafatwa na kanseri yo mu mahaha kurusha ibindi bihe.
"Mu Bwongereza ingeso yo kunywa itabi iri mu bagore, iragwiriye cane kurusha iyiri mu bagabo, ivyo rero ntibitangaza iyo usanze indwara yo mu mahaha yaragwiriye muribo.
"Co kimwe, itabi riratumugwa cane n'abagore bo mu bihugu vy'uburyo buke, amahinguriro akora iryo tabi akaba ari mu yatuma biba."
Naho biri ukwo, Dr Freddie Bray wo mu kigo IARC avuga ati: "Ivyatowe vyerekana ko bikenewe ko hashingwa politike yo kugenzura itabi mu bihugu vyose vyo kw'isi."
'Ubwoko butandukanye butangaje'
Muri rusangi, ico cegeranyo gisanga hafi igice c'izo kanseri na cane cane izica kw'isi, zizokwaduka ku mugabane wa Asia uno mwaka, kubera ko ariho haba abantu benshi no kubera ko kanseri nyinshi zica zibarizwa muri ako karere.
Izo nazo zirimwo kanseri yo mu bitigu idakunze kuvugwa mu gihugu c'Ubushinwa.
Uretse ivyo, abasohoye ico cegeranyo bavuga ko hari "ubwoko butandukanye butangaje" bwa kanseri n'ubw'ingwara ziri kw'isi.
Bavuga ko kubera ivyo, ibihugu bikeneye kuraba ingene bisubiramwo uburyo bwo kwirinda no kuvura kanseri.










