Abahinga babiri batoye umuti wa cancer bahawe agashimwe kitiriwe Nobel

Tasuku Honjo n'umugwi wiwe kuri kaminuza ya Kyoto

Ahavuye isanamu, Kyoto University

Insiguro y'isanamu, Tasuku Honjo n'umugwi wiwe kuri kaminuza ya Kyoto

Abahinga babiri batoye umuti wo kugwanya ingwara ya cancer hakoreshejwe uguha inguvu umubiri kugira wigwanire bahejeje kuronka agashimwe kitiriwe Nobel 2018 mu gisata c'amagara y'abantu.

Ibikorwa vya James P Allison w'imyaka 70 wo muri Amerika na Tasuku Honjo w'imyaka 76 wo mu Buyapani barafashije mu gutora ingene havugwa cancer yo ku rukoba iteye kure.

Kuvura hakoreshejwe ubuhinga bwa 'Immune checkpoint therapy' bwarafashije mu buryo bushasha bwo kuvura cancer nk'uko vyavuzwe n'ikigo co muri Suede gitanga ako gashimwe kitiriwe Nobel.

Abahinga bavuga ko ubwo buryo bukora neza cane.

James P Allison
Insiguro y'isanamu, James P Allison

Ikoraniro rya Nobel ryo muri kaminuza ya Karolinska i Stockholm ryavuze riti: "Mu guha inguvu umubiri wacu inguvu zo kugira ibitero ku duce tumaze kwandura cancer, abaronse agashimwe ka Nobel uyu mwaka barashizeho ubundi buryo bushasha bwo kuvura cancer."

Allison, yigisha kuri kaminuza ya Texas na Hinjo yigisha kuri kaminuza ya Tokyo bagiye kugabana agashimwe k'imiliyoni 9 z'amahera akoreshwa muri Suede - n'ukuvuga imiliyoni 1.01 y'amadolari.

Cancerous cells

Ahavuye isanamu, SPL