Igihugu ca Misiri nico cahawe kwakira inkino z'igikombe ca Afrika 2019

Ishirahamwe ry'umupira w'amakuguru ku mugabane wa Afrika, CAF, ryatoye igihugu ca Misiri ngo abe ari co cakira inkino z'igikombe ca Afrika co muri uno mwaka wa 2019.

Misiri yarushije Afrika y'epfo, ikindi gihugu conyene cari casavye kwakira izo nkino, mu matora yabereye mu nama y'umugwi nyobozi wa CAF i Dakar muri Senegal.

Misiri izoba yakiriye iryo higanwa ku nshuro igira gatanu, ikaba ifise gusa amezi atandatu yo kwitegurira ihiganwa ryaguwe, mu gihe ubu rizojamwo amakipe mirongo ibiri n'ane.

Iri higanwa rizotangura mu kwezi kwa gatandatu, rikaba mu ntango ryagomba kwakirwa n'igihugu ca Kameruni.

Kameruni yatswe iryo higanwa mu kwezi kwa cumi na rimwe kubera kutitegura bikwiye, ariko CAF ica iha ico gihugu amahirwe yo kwakira iri higanwa mu myaka ibiri.