Umugabo yatwawe ariko arabatizwa mu ruzi i Accra muri Ghana

Igishusho cakoreshejwe kuri ino nkuru

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kubatiriza mu ruzi birakunze guhitana abantu

Umugabo w'imyaka 20 yatwawe n'uruzi ariko arabatizwa na Pasitori mu bumanuko bwa Accra, umugwa mukuru wa Ghana.

Mu mashusho ya videwo aca ku mbuga hwaniro, Yaw Kyeremeh aboneka ari ku nkengera z'uruzi Densu, ari kumwe n'umupasitori amwibiza mu ruzi.

Hanyuma inyuma yo kumusengera asubira kumwibiza mu mazi ubwa kabiri, ariko ntiyasubira kwiburuka.

Umuvugizi w'igipolisi c'akarere Afia Tenge yabwiye BBC ko hari umupasitori akiri muto yafashwe, mu gihe igipolisi kikiriko kirahiga pasitori mukuru w'isengero ryateguye iyo batisimu.

Uwo muntu yatwawe n'amazi ku munsi w'Imana, bikaba vyatumye abantu bibaza igituma umuntu yorinda apfa ngo nuko ariko arabatizwa.

Nkuko bivugwa n'ikinyamakru caho vyabereye, umuryango w'uwo mugabo yatwawe uvuga ko ata muntu wotako umwikomo.

Igipolisi kivuga ko ikiziga c'uwo mugabo yapfuye ashikanye imyaka 20 kiri mu buruhukiro, ko barindiriye ngo gipimwe hamenyekane icamwishe imbere yuko gishikirizwa umuryango wiwe.