Jessica Hayes: Umwigeme yagize ubugeni na Yezu Kristu muri Amerika

Ahavuye isanamu, Today’s Catholic/Joe Romie
Jessica Hayes yaguze ikanzu y'ubugeni, urushungi n'impeta. Ariko igihe agiye kuri altari guhezagigwa imbere ya musenyeri, nta muhungu bari bahagararanye. Yashatse kwubakana na Yezu Kristu.
Madamu Hayes w'imyaka 41, ni isugi ryihebeye Imana - umuhamagaro ukunzwe gusangwa mu bagore muri Ekleziya Gatolika, baba bipfuza kwitanga nk'abageni ku Mana.
No muri Ekleziya Gatolika, abakobwa b'isugi bihebeye Imana ntibazwi cane - kubera ko uwo muhamagaro wemejwe na Ekleziya mu myaka 50 irangiye.
Mu birori vyo kwihebera Imana, uwitanze - aba yambaye ikanzu yera nk'umugeni - yemera kumara ubuzima bwiwe bwose ataranguye amabanga mpuzabitsina, akemera kutazoja mu migenderanire ituma arangura amabanga mpuzabitsina.
Abo bagore barambara n'impeta mu kwerekana ko ari abafiyanse ba Kristu.
Madamu Hayes avuga ati: "Hari abambaza bati: "Nivyo urarongowe?"
"Nkunda guca ndabishura mu gutanga akarorero ko ndico kimwe n'umubikira, ko nihaye Imana wese ariko ko mba hanze."

Ahavuye isanamu, Joe Romie
Ni umwe mu bakobwa 254 b'"abageni ba Kristu" bari muri Leta Zunze ubumwe za Amerika, nkuko bivugwa n'ishirahamwe ry'abo "United States Association of Consecrated Virgins" (USACV).
Abo bageni ba Kristu bakora ubuzi burimwo ubuforoma, gutanga impanuro, guharura amahera no gukora mu gisata co kuzimya umuriro.
Mu cigwa cakozwe mu 2014, kw'isi yose hari abigeme b'isugi 4000 bihebeye Imana.
Ubutegetsi bw'i Vaticano buvuga ko haheze iminsi hibonekeza abigeme benshi bihebeye Imana muri mwene ubwo buryo mu turere twinshi tw'isi.
Kubiri n'ababikira, abigeme b'isugi bihebeye Imana ntibaba mu bigo vyugaye canke ngo bambare inyambaro z'umwihariko.
Babaho nk'aba layike, bagakora akazi kabo, bakongera bakibeshaho.

Ahavuye isanamu, Joe Romie
Nta bagabo babaho muri mwene ubwo buryo muri Ekleziya Gatolika.
Madamu Hayes aba ahitwa Fort Wayne muri leta ya Indiana muri Amerika.
"Ndi umwigisha imyaka 18. Nigisha kw'ishuli ryisumbuye nahora nigako."
Igihe ataba ariko arigisha, aca asenga, akihana. Avugana na musenyeri ku bijanye n'ubuzima bwiwe, akama ahura n'umuhanuzi ku vy'umushaha.

Ahavuye isanamu, Today's Catholic/Joe Romie
"Mbana n'abandi muri karitiye, nkukira paruwasi iri hafi yaho mba. Ndarondera umwanya wo gufasha umuryango hamwe n'abagenzi. Hanyuma nkigisha, kenshi mba ndi kumwe n'abantu benshi, ariko nkarondera umwanya wo kubana n'Imana."
Yarigeze gukundana muri kahise ariko ngo yaguma yumva hari ikibuze.
"Nibaza ngo mfise umuhamagaro wo kuja mu buzima bw'abubatse nkuko umuntu wese yovyipfuza. Naragendanye n'umuntu...ariko ntivyari bifashe."
'Iciyemezo camaho'
Abigeme b'isugi bihebera Imana bariho kuva n'igihe ca Kristu. Mu binyejana bitatu vya mbere inyuma ya Yezu Kristu, benshi barapfuye nk'abamaratiri.

Ahavuye isanamu, Wikicommons
Muribo harimwo Agnes w'i Roma, yishwe agwanira kuguma ari isugi.
Madamu Hayes yiyumviye kwihebera Imana akaguma ari isugi igihe ahuriye n'umuhanuzi ku vy'umushaha, agatangura kumutura ibibazo.

Ahavuye isanamu, Today’s Catholic/Joe Romie
Yafashe ingingo mu 2013, yishikiriza Imana inyuma y'imyaka ibiri ageze ku myaka 36.
"Naho mfise amabanga nkayo nari mfise imbere yuko nishikana ku Mana, biratandukanye kuko kugira imigenderanire n'Imana nk'umugore wayo biratandukanye no kugendana nayo nk'umugenzi."
Kuba mu kibano aho imibonano mpuzabitsina igwiriye birashobora gutera ikibazo abigeme b'isugi.
Madamu Hayes agira ati: "Nibaza ko ikintu gikomeye ari ukudategegwa, kuko ivyo twatoranye biteye kubiri n'imico."
"Ndabwigwa kenshi 'O urigendana.' Biba ngombwa ko nsigura ko umukama wanje ariwe wa mbere tugendana, ko ivyo nkora vyose ari guha umubiri wanje We."










