Ibinugwanugwa kuri Pogba, Mourinho, Guardioala, Sterling, Ramsey n'abandi ku w'Imana.

Umugwi Juventus witeguye gusaba Manchester United ngo yitorere umwe mu bakinyi batatu, ngo usubire kugarukana umukinyi akina hagati mu Bufaransa, Paul Pogba. (Sunday Express)

Ariko uwusrukira Pogba yavuze ko uwo mukinyi w'imyaka 25 aza "yarikosoye" ku migenderanire yiwe n'umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho. (Manchester Evening News, via Raisport)

Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola yinjiye mu biganiro vy'amasezerano y'umukinyi Raheem Sterling, ng'uwo mukinyi w'Ubwongereza w'imyaka 23 ashobore gushira igikumu ku masezerano mashasha n'uwo mugwi. (Sunday Mirror)

Umugwi Chelsea wipfuza kuzana umukinyi wo hagati w'imyaka 24 akina muri Barcelone, Denis Suarez, umumenyereza w'aba Blues Maurizio Sarri yari yaripfuje guha akazi akiri umumenyereza wa Naples. (Daily Star on Sunday, via Marca)

Umugwi Arsenal uriko urondera kuguza umukinyi aturuka muri Pays de Galles, Aaron Ramsey w'imyaka 27 n'umusatirizi wa AS Roma, Patrick Schick w'imyaka 22 mu kwezi kwa mbere. (Daily Star on Sunday, via Corriere dello Sport)

Liverpool yipfuza gukuba kabiri umushahara w'umukinyi w'inyuma Andy Robertson w'imyaka 24 gushika ku mapawundi £60000 ku ndwi, mu gihe yimirije gutera igikumu ku masezerano mashasha y'imyaka itanu n'umugwi. (Sunday Mirror)

Amasezerano y'akazi y'umukinyi w'inyuma wa Manchester United, Phil Jones arangira mu ci riza, ariko uwo mugwi wipfuza kuyongera ku kiringo c'umwaka mu gihe Arsenal na Tottenham bariko bahiga uwo mukinyi w'imyaka 26. (Sun on Sunday)

Umugwi Real Madrid ufise imiliyoni 200 z'ama euros uzokoresha mu kwezi kwa mbere, ukaba urondera kugura abakinyi batatu. (Marca - in Spanish)

Umukinyi w'Ubwongereza na Borussia Dortmund akina imbere ku ruhande, Jadon Sancho w'imyaka 18, yavuze ko "ata vyiyumviro vyo guhindura afise" igihe abajijwe ko yohava yimukira mu wundi mugwi. (Sunday Express, via Bild)

Inyifato yarahindutse muri Arsenal kuva umumenyereza Unai Emery asubiriye Arsene Wenger, nkuko bivugwa n'umukinyi wo hagati w'imyaka 29 aturuka muri Arménie, Henrikh Mkhitaryan. (Sunday Telegraph)