Umuriro wadutse muri Californie umaze guhitana abantu 25, wonona n'amatungo y'abanyagihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igitigiri c'abamaze guhitanwa n'umuriro w'ishamba muri leta ya Californie muri Leta Zunze ubumwe za Amerika kimaze kugera kuri 25 nkuko bivugwa n'ubutegetsi.
Kino gitigiri kigezweko inyuma yaho hatorewe ibindi biziga 14 iruhande y'umuji wa Paradise mu buraruko, bituma igitigiri c'abemejwe ko bapfuye kija kuri 23.
Abandi bantu babiri bapfiriye mu bumanuko, hafi ya Malibu.
Abantu bashika 250000 vyabaye ngombwa ko bahunga, bata ingo zabo mu kwikingira uwo muriro.
Hagataho Perezida Donald Trump yerekanye agashavu avuga ko abajejwe gukurikirana ivy'amashamba aribo bakwiye kubibazwa.
Uwo muriro uherereye he?
Uwo muriro w'abashinze ikambi wahereye ahitwa Butte County ku munsi wa kane, abazimya ntibashobora kuwuhagarika, uca wibasira umuji wa Paradise.
Uwundi muriro wahereye ku nkengera zo mu bumanuko i Malibu ku munsi wa gatanu, ubu ukaba wiyongeye, wikuba kabiri.

Uwo muriro uzwi kw'izina Woolsey, watandukiye akarere k'amahegitare 28000.
Ibisagara abantu bariko barimugwa bakugwamwo ni nka Thousand Oaks, aho umuntu yitwaje ikigwanisho yishe abantu 12 ku munsi wa gatatu.
Abagenzura ihindagurika ry'ikirere bagabishije bavuga ko gishobora kubandanya kiba kibi gushika mu ndwi iza, ariko abagwanya umuriro bavuga ko umuyaga biteze ushobora kubafasha kuzimya umuriro.
Perezida Donald Trump yavuze iki?
Perezida yidogeye abakora mu kigo kigwanya umuriro muri Californie, avuga ko ashobora guhagarika amahera ubutegetsi bw'igihugu bwaha iyo leta ya Californie.
Mu butumwa yacishije kuri Twitter ku munsi wa gatandatu, yagirije ubutegetsi "kudakora neza".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Evan Westrub, umuvugizi wa Bulamatari Jerry Brown, yaramwishuye, avuga ko amajambo ya Bwana Trump "adafashe kandi ko ataciriwe agace ku biba".
"Ikituraje ishinga n'abanya Californie bibasiwe n'uwo muriro hamwe n'abariko baricamwo kubiri ngo barokore ubuzima n'amatungo," niko yavuze.
Abaririmvyi bakomeye baneguye imvugo ya Bwana Trump.
Umuririmvyi aturuka muri Californie, Katy Perry yavuze ko amajambo yashikirije ari "inyishu y'umuntu adafise umutima", mu gihe uwundi muririmvyi John Legend yavuze ko Bwana Trump "adashobora kwifatanya n'abanya Californie bibasiwe n'impanuka ikomeye".
Muri kino gihe hari imiriro 16 muri leta ya Californie.
Ako karere karibasiwe n'imiriro y'ishamba mu myaka ya vuba, kaminuza mu mateka y'iyo leta, ukaba ari uwateye ahitwa Mendocino muri uno mwaka w'i 2018.










