Umuriro mwinsji wahitanye abantu benshi i California muri Amerika

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY
Uturere two mu ntara ya California turimwamwo imizabibu turarembejwe n'umuriro uriko uratema ugatongora ubu umaze guhitana abantu 10.
Abantu amaja n'amajana bahunze izabo bikaba bivugwa ko inzu zirenga 1.500 zahiye.
Abantu indwi bapfuye mu ntara ya Sonoma, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Abantu barenga 20.000 baramaze guhunga intara ya Napa, Sonoma na Yuba inyuma y'aho uwo muriro w'ikirenga waduka muri ako karere.
Umukuru w'intara ya California yatangaje ibihe bidasanzwe.

Ahavuye isanamu, AFP/getty
"Uyu muriro wononye cane amazu n'ibindi bintu vya nkenerwa kandi urabandanya kugeramira inzu ibihumbi n'ibihumbi, bikaba bituma abantu ibihumbi n'ibihumbi bata izabo," nk'uko uwo mukuru w'intara avuga.
Uretse abantu bapfiriye Sonoma, abandi babiri bapfiriye i Napa uwundi i Mendocino.
Bivugwa ko hariho abandi bantu bakomeretse kandi hari n'abo bataramenya irengero ryabo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo muriro uriko urakwiragira vyihuta kubera umuyaga mwinshi hamwe n'ubushuhe.
Igisata kijejwe ihindagurika ry'ikirere cagabishije abari mu karere ka San Francisco bavuga ko "umuriro wadutse bishoboka ko ukwiragira cane".
Umurimyi umwe w'imizabibu yabwiye ikinyamakuru ca Times ko imirima yiwe yononekaye inyuma y'aho we n'umuryango wiwe banyagiye amagara ku musi wa mungu.
"Umuyaga wari mwinshi. Imbeya zari zatuzungurutse," ni ko Ken Moholt-Siebert yavuze.
Abajejwe kuzimya umuriro i California bagereranya ko amahegitari 70.000 ari yo yaturiwe n'uwo muriro.
Intara ya California imaze imisi igeramiwe n'umuriro.
Mu kwezi kw'icenda, umuriro mwinshi warabangamiye igisagara ca Los Angeles.











