Imbogo amajana zatwawe n'uruzi zihunga intare muri Botswana

Ahavuye isanamu, Serondela Lodge
Imbogo amajana zariko zihunga intare zatwawe n'uruzi ku rubibe rugabura ibihugu vya Botswana na Namibiya, bituma abanyagihugu baronka inyama nyinshi bataziga.
Mu matohoza yakozwe kare bivugwa ko ivyo bikoko vyariko bihunga intare munyuma bigwa mu ruzi, nk'uko ubutegetsi bwa Botswana bwabishikirije.
Umuntu afise ihoteri yabwiye BBC ko izo mbogo zaheze mu mazi zishikiriye iyindi nkombe y'uruzi yabaye ndende, vyanka ko ziyiduga zica zipfira aho.

Ahavuye isanamu, Serondela Lodge
Avuga ko atari bwigere yumva imbogo nyinshi nkizo zatwawe.
Ubutegetsi bwa Botswana buvuga ko imbogo 400 arizo zapfuye.
Abantu baba muri ako karere baciye batwara izo mbogo kuzifungura.
Simone Micheletti, afise ihoteri hakurya y'inkombe ikukira igihugu ca Namibiya, yavuze ko ivyo bikoko vyari vyinshi cane - hafi imbogo 1000.
Niwe yafashe aya mafoto y'ingene vyari vyifashe.

Ahavuye isanamu, Serondela Lodge
Bwana Micheletti yabwiye BBC ko yumvise amajwi y'izo ntambwe ku wa kabiri mw'ijoro.
Agiye ku ruzi ku munsi wa gatatu mu gitondo, yaciye ahasanga imbogo amajana zapfuye.
Yongeye avuga ko hari igipfungu muri iryo joro ryo ku munsi wa kabiri, akibaza ko ico gipfungu cabujije umuco w'ukwezi, bituma izo mbogo zitabona iyo zija.

Ahavuye isanamu, Serondela Lodge
Ubushikiranganji bw'ibidukikije muri Botswana bwasohoye itangazo buvuga ko itwarwa ry'ivyo bikoko mu ruzi Chobe atari ikintu kimenyerewe.
Bwana Micheletti yongerako ko ata muntu yari bwigere yumva igitigiri nk'ico c'ibikoko bipfiriye rimwe, kuko imbogo 50 ari zo nyinshi zigeze gutwagwa muri kahise.
Avuga kw'ibiziga vy'ivyo bikoko vyakuwe mu ruzi n'abanyagihugu baba mu micungararo bagiye kubirya, ngo bakaba bahawe uruhusha n'ubutegetsi.

Ahavuye isanamu, Serondela Lodge










