Amerika isaba Turukiya kwerekana amajwi yemeza ko Jamal Khashoggi yishwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amerika yasavye Turukiya gushira ahabona amajwi yemeza ko umumenyeshamakuru wa Arabie Saoudite, Jamal Khashoggi yiciwe mu biro nserukiragiugu vy'ico gihugu mu gisagara ca Istanbul.
Prezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru aho akorera muri Maison Blanche ko "twasavye ko baduha ayo majwi niyaba koko ahari."
Khashoggi ntarongera kuboneka kuva yinjiye mu biro nserukiragihugu vya Arabie Saoudite itariki zibiri z'uku kwezi kwa cumi.
Igihugu ca Arabie Saoudite kirahakana civuye inyuma kugira uruhara mw'inyuruzwa ry'uwo mumenyeshamakuru.
Hagati aho, ikinyamakuru Washington Post cerekanye inyandiko ya nyuma y'umumenyeshamakuru wo muri Arabie Saoudite Jamal Khashoggi -ahamagarira ukwishira n'ukwizana mu kumenyesha amakuru mu bihugu vy'abarabu.
Ico kinyamakuru kivuga ko cafashe ingingo yo kubikora inyuma yo kubona ko bidashoboka ko Khashoggi azogaruka ari muzima.
Uwo mumenyeshamakuru ntarasubira kuboneka kuva yinjiye mu nyubakwa y'ubuserukizi bwa Arabie Saoudite i Istanbul itariki 2 z'uku kwezi kwa cumi, aho abategetsi ba Turukiya bavuga ko yiciwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca Arabie Saoudite kiguma gihakana ivyo bivugwa, cemeye ko abagira amatohoza binjira muri iyo nyubakwa muri iri joro ryakeye.
Imigwi ijewe amatohoza yo muri Turukiya yagaragaye iriko irava muri iyo nyubakwa nserukiragihugu ku wa kane mu gitondo.
Inkuru zegereye abagize amatohoza zivuga ko bafise amajwi yemeza ko Khashoggi yasinzikarijwe ubuzima, hanyo mu nyuma aricirwa muri iyo nyubakwa.
Ariko ivyo ntibirashirwa ahabona.
Ku musi wa gatatu, prezida Donald Trump yavuze ko yasavye ayo majwi "niyaba ariho".

Ahavuye isanamu, AFP
Hagati aho, abanyepolitike bo hirya no hino kw'isi bavuze ko batazitaba inama y'ubutunzi itegekanijwe kubera muri Arabie Saoudite mu ndwi iza.
Ariko bimwe mu bigo vy'ubudandaji bikomeye - harimwo Goldman Sachs, Pepsi na EDF - bizitaba iyo nama n'aho hari igitsure co gushaka kubabuza.
Iyo nyandiko ya nyuma ya Khashoggi ivuga iki?
Uwurongoye igisata kijejwe ivyiyumviro vyo hirya no hino kw'isi, Karen Attiah yavuze ko "iyo nyandiko yerekana ingene Khashoggi yari arajwe ishinga n'ukwishira n'ukwizana kw'ibimenyeshamauru mu bihugu vy'abarabu", yongerako ko ari "ubwo burenganzira busa n'uko yitangiye".

Ahavuye isanamu, AFP
Attiah yavuze ko iyo nyandiko yari yatanzwe umusi umwe inyuma y'aho Khashoggi aburiwe irengero.
Attiah yanditse ati:"Rimwe rimwe "yarizera ko Jamal ashobora kugaruka kugira dufashanye gukosora".










