Arabia Saudite ivuga ko ubwicanyi yagirizwa bwa Jamal Khashoggi ari 'ububeshi'

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu umuganwa Abdulaziz bin Saud bin Naif bin Abdulaziz abihakanye inyuma y'imisi 11Khashoggi abonetse yinjiye muri ivyo biro nserukiragihugu.
Inkuru zivuga ko yaciye yicwa n'umugwi w'abajejwe iperereza rya Arabia Saudite.
Umwe mu bajejwe umutekano muri Turkia yabwiye BBC ko abategetsi bafise ijwi na video vyerekana ko yishwe.
Arabia Saudite ibandanya ivuga ko uwo mumenyeshamakru anebagura reta, yasohotse muri iyo nyubakwa akanya gato inyuma yo kwinjirayo itariki 2 z'ukwezi kwa cumi.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko igihugu ciwe citeguye kwerekana "ukuri kose", nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Saudi, kivuga ko izo nkuru ko "hatanzwe amategeko yo kumwica" ata shingiro zifise. Arabia Saudite yavuze ko ivyo yagirizwa ko yiciye umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi mu biro biserukira ico gihugu I Istanbul ko ari "ububeshi ata ho bushingiye".

Ahavuye isanamu, Getty Images






