Mike Pompeo, umunyamabanga wa leta y'Amerika, ari mu ruzinduko muri Arabie Saoudite ku munyamakuru Jamal Khashoggi wabuze

Mike Pompeo (hagati) ubwo yakirwaga na Adel al-Jubeir, minisitiri w'ububanyi n'amahanga wa Arabie Saoudite, ageze mu murwa mukuru Riyadh w'iki gihugu kuri uyu wa kabiri

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mike Pompeo (hagati) ubwo yakirwaga na Adel al-Jubeir, minisitiri w'ububanyi n'amahanga wa Arabie Saoudite, ageze mu murwa mukuru Riyadh w'iki gihugu kuri uyu wa kabiri

Mike Pompeo, umunyamabanga wa leta muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika, yageze muri Arabie Saoudite guhura n'umwami Salman, mu gihe hakomeje ukutavuga rumwe ku irengero ry'umunyamakuru Jamal Khashoggi wo muri Arabie Saoudite.

Bwana Pompeo araza no guhita asura igihugu cya Turukiya, aho Bwana Khashoggi aheruka kubonwa mu byumweru bibiri bishize ari ku biro by'uhagarariye Arabie Saoudite muri iki gihugu.

Abategetsi ba Turukiya bemeza ko Bwana Khashoggi yishwe n'abakozi ba Arabie Saoudite, ariko ibi abategetsi ba Arabie Saoudite babihakanye bivuye inyuma.

Ku wa mbere, Perezida Donald Trump w'Amerika yavuze ko "abicanyi badafite umurongo bagenderaho" ari bo bashobora kuba bihishe inyuma y'iburirwa irengero rya Bwana Khashoggi.

Bwana Trump nta gihamya yatanze y'ayo magambo ye.

Ariko yavuze ko mu kiganiro kuri telefone n'umwami Salman wa Arabie Saoudite, uyu mwami yahakanye akomeje ko atazi ibyabaye kuri Bwana Khashoggi.

Abapolisi ba Turukiya ubwo basakaga ambasade ya Arabie Saoudite i Istanbul

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abapolisi ba Turukiya ubwo basakaga ambasade ya Arabie Saoudite i Istanbul

Mbere kuri uyu wa kabiri, polisi ya Turukiya yavuye muri ambasade ya Arabie Saoudite iri mu mujyi wa Istanbul muri Turukiya, aho Bwana Khashoggi aheruka kubonwa. Iyi polisi yari yaraye ihasaka.

Bwari bubaye ubwa mbere polisi ya Turukiya yemererwa kuhinjira kuva uyu munyamakuru yaburirwa irengero ku itariki ya 2 y'uku kwezi kwa cumi.

Iri saka ribaye rikurikira ukutumvikana kw'impande zombi ku buryo iryo saka ryakorwamo.

Ariko hari amakuru ataremezwa ari muri bimwe mu bitangazamakuru byo muri Amerika avuga ko Arabie Saoudite iri kwitegura kwemera ko Bwana Khashoggi yapfuye bitewe no guhatwa ibibazo yakorewe kukagenda nabi kandi ko icyari kigamijwe kwari ukumushimuta.

Mike Pompeo (ibumoso) mu kiganiro n'umwami Salman wa Arabie Saoudite mu murwa mukuru Riyadh kuri uyu wa kabiri

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mike Pompeo (ibumoso) mu kiganiro n'umwami Salman wa Arabie Saoudite mu murwa mukuru Riyadh kuri uyu wa kabiri

Hagati aho, televiziyo y'Abarabu Al-Jazeera yasubiyemo amagambo y'ibiro by'umushinjacyaha mukuru wa Turukiya bivuga ko byabonye ibimenyetso bigaragaza ko Bwana Khashoggi yiciwe imbere muri ambasade ya Arabie Saoudite.

Mbere yaho, umwe mu bakora mu nzego z'umutekano za Turukiya, yari yabwiye BBC ko abategetsi bafite ibimenyetso by'amajwi na videwo bigaragaza ko Bwana Khashoggi ari ho yiciwe.

Iki kibazo cyasize icyasha umubano hagati ya Arabie Saoudite n'ibihugu by'inshuti zayo by'i Burayi n'Amerika.

Ku wa mbere, umwami Salman wa Arabie Saoudite yategetse ko hakorwa iperereza ku iburirwa irengero rya Bwana Khashoggi.