Kanye na Kim bahawe amazina y'ikiganda

Kanye West na Kim Kardashian na Prezida Museveni

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kanye West na Kim Kardashian babonanye na Prezida Museveni ku ngoro iwe

Ibiro vya Prezida Yoweri Museveni bivuga ko yahaye umuririmvyi wa rap Kanye West aheruka kwiyita Ye mu kwezi guheze, izina ry'ikiganda Kanyesigye bisigura "Ndizeye".

Bwana Museveni yahaye n'umugore wiwe, Kim Kardashian, izina Kemigisha, bisigura "uwufise imigisha y'Imana", niko ibiro vyiwe vyavuze ku butumwa vyacishije kuri Facebook.

Uwo muryango "waryohewe" kuri ayo mazina bahawe na perezida igihe bahura ku ngoro yiwe, niko ibiro vyiwe bivuga.

Bwana Museveni yababwiye ko Uganda ari iya bose.

"Hano niho ubuzima bw'abantu bwatanguriye, n'abazungu baturuka hano," niko prezida yavuze nkuko bishikirizwa n'ibiro vyiwe.

Uwo muririmvyi wa rap yavuze ko anezerejwe no kuba muri Uganda, avuga ko ari igihugu ca kabiri ciwe, nkuko ibiro vyiwe vyabishikirije.

"Yabwiye perezida ko yipfuza gushinga ishuli karuhariwe ry'ubukerarugendo, rizofasha igisata c'ubukerarugendo atari mu gihugu ca Uganda gusa ariko no mu karere kose ka Afrika y'ubuseruko muri rusangi," niko ibiro vya Bwana Museveni bivuga.

Kanye West na Kim Kardashian na Prezida Museveni

Ahavuye isanamu, State House Uganda

Insiguro y'isanamu, Ubutumwa bwa Twitter bw'ibiro vya Prezida Museveni