Umuririmvyi Kanye West yifotoje yitwikiye idarapo y'igihugu ca Uganda

Umunyamerika aririmba umudiho wa rap, Kanye West, yasohoye amashusho ya videwo yitwikiye idarapo y'igihugu ca Uganda mu rugendo arimwo mw'ico gihugu.

Abantu bahererekanye cane ino foto ya Ye:

Ye yashitse mw'ico gihugu ari kumwe n'umuryango wiwe ku munsi wa gatanu, aca aja kw'ihoteli iri ku nkengera y'uruzi Nil.

Uwuserukira igihugu muri Onu yashize ku mbuga amafoto yabo bururuka indege ya kajugujugu.

Yashize ku mbuga n'ifoto y'umukenyezi wa Ye, Kim Kardashian, ariko arihweza uruzi Nil, rwa mbere rurerure kw'isi.

Haheze indwi zibiri Ye avugiye ku rubuga ngurukanabumenyi rwa TMZ ko yipfuza kuja mu "kizwi nka Afrika" ngo arangirizeho "album " yiwe.

Yipfuza ko "mikoro" ifata amajwi y'ivyo vyose biri mu gace azoba ariko arafatiramwo amajwi.

Ku masanamu ya videwo yashize kuri Twitter, Ye yicaye ku ntebe yitwikiye idarapo y'igihugu ca Uganda ku bitugu aririmba indirimbo ya rap. Aca ahaguruka, akaja hanze aguma aririmba avuga ati "urosha umutwe wawe, ni widegemvye".

Hagatato, igisata ca Uganda c'ubukerarugendo caboneyeho akaryo ko gukoresha runo rugendo ngo ruhayagize igihugu.