Uryama igihe gito ukagira amagara mabi n'ubuzima bugufi

Umwigeme asinziriye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuryama neza ni ngirakamaro

Kumbure uramaze kuduhigwa no kwumva abanyepolitike hamwe n'abagwizatunga bihaya ko baryama igihe gito.

Ariko ico nkeka utazi ni uko ukubura itiro bibangamira umubiri n'ubwonko.

Matthew Walker, umu professeur wa "neuroscience na psychologie" kuri kaminuza ya Berkeley, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, arasigura igituma wohagarika gushima abantu baryama umwanya muto.

Prof Matthew Walker

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prof Matthew Walker yipfuza kukwugurura amaso...hanyuma akurungike kuryama

Walker yaranditse n'igitabu "Why we sleep" (Kubera iki turyama), igitabu gishobora gutuma ubuzima bwacu buhinduka.

Hano arasigura igituma dukwiye kumenya ibijanye n'itiro n'ingene umuntu yogira amagara meza n'inyifato nziza.

Kubera iki kuryama ari ngirakamaro

Umuntu aryamye ku meza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kurota biraruhura umubiri

Ama studios yose avuga bimwe: urota umwanya muto, ukagira ubuzima bugufi.

Kurivyo ni waba wipfuza gushika mu za bukuru ugifise amagara meza, ukwiye kuryama bikwiye mw'ijoro.

Kuryama ni ngirakamaro ku buryo Professeur Walker amaze igihe asaba abaganga kubihanura no kubitegeka abantu.

Naho biri uko, ni vyiza ko riba itiro ryizanye.

Ivyigwa vyinshi vyerekanye ko ibinini vyo gusinziriza bituma umuntu ashobora gufatwa na kanseri, bigashobora no kwica.

Ni ibiki bishikira umubiri iyo tutaryamye?

Umubiri n'ubwonko ntibikora neza iyo umuntu atasinziriye bikwiye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umubiri n'ubwonko ntibikora neza iyo umuntu atasinziriye bikwiye

Indwara nyinshi zidutera, zituruka ku kudasinzira neza.

Izo ndwara ni nka Alzheimer, kanseri, iz'umutima, ukuvyibuha ukarenza urugero (obésité), iy'igisukari, ingorane zo mu mutwe canke kwiyahura.

Iyo utaryamye bikwiye, biragira ingaruka ku mubiri.

Umuntu akwiye kuryama igihe kingana gute?

Umuntu aryamye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Usinziriye igihe kirekire wumva ko umerewe neza

Ukwiye kuryama niburiburi amasaha indwi kugeza kw'icenda.

Uryamye amasaha ari munsi y'indwi, ubushobozi bw'umubiri bwo kwikingira (immunité) buragabanuka, n'ubwenge ntibutembere neza.

Ugumye uri maso amasaha 20, usanga usigaye umeze nk'umuntu yaborewe.

Imwe mu ngorane zituruka ku kubura itiro nuko utamenya ico vyonona mu mubiri.

Ni nk'umushoferi yaborewe afata imfunguruzo z'imodoka yiwe akagira ati, "Meze neza, ndashobora gutwara imodoka." Kandi wewe uzi ko bidakwiye ari kubera ko we yivugiye ko abishobora.

Turyama igihe gito. Kubera iki?

Umuntu aryamye mu ntebe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuryama ku murango benshi baravyipfuza ariko bishobora gutuma utaronka itiro mw'ijoro

Iyo turavye ivyegeranyo vyasohowe ku bihugu biteye imbere, usanga muri ino myaka 100 irangiye igihe co gusinzira caragabanutse.

Iyo turyamye umwanya muto, biragoye ngo dushikire igihe bita REM (Rapid Eye Movement), aho umuntu aca atangura kurota.

Kudashikira igihe REM birabangamira amagara kuko arico gihe umuntu agira ivyiyumviro vyo gushakisha, kikaba n'igihe ciza ku magara yo mu mutwe.

Hari impamvu nyinshi zituma abantu badasinzira bikwiye.

Umwana aryamye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Wohava uvuga ko uno mwana ari ikinebwe

1. Ukutamenya. Abahinga barazi neza akamaro ko gusinzira neza, ariko gushika ubu nta muntu abisigurira abanyagihugu. Benshi ntibategera igituma gusinzira ari ngirakamaro.

2. Ingene ubuzima bwifashe. Muri rusangi dukora amasaha menshi, tukamara igihe kirekire tuja canke tuva ku kazi. Tuva muhira hakiri kare mu gitondo, tugasubira inyuma mw'ijoro, kandi ugasanga ntaho duhagaze ngo tuyage n'incuti canke abagenzi. Kuba hamwe n'umuryango, gusohokana n'abagenzi, kuraba televiziyo...usanga umwanya wo kuryama wagiye.

3. Inyifato n'ivyo umuntu yemera. Kuryama ntibisa neza mu kibano. Ubwiye abantu ko usinzira amasaha icenda, bavuga ko uri ikinebwe. Kurota ntibifatwa neza ugasanga abantu barahayagiza ko baryama igihe gito mw'ijoro. Nta muntu akwiye kwiyumvira ko uruyoya ruryamye ruba runebwe, kuko kuryama birakenewe cane kugira ngo umwana akure.

4. Kubura umuco. Ntidukunda kubaho tudafise umuco igihe hatabona. Ariko kutagira umuco birakenewe, kuko bituma umuntu asohora ikinyamubiri citwa "mélatonine" gifasha kuryama neza. Ariko ikibi c'iterambere nuko twama mu muco uhagarika iyo "mélatonine".

Abantu bakije umucanwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ni ryari utakije amatara mw'ijoro?
Kuryama neza bifasha mu gushakisha

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuryama neza bifasha mu gushakisha

Biragoye kugarura ivyo wamaze gutakaza ariko ntihararengerana ngo ushobore guhindura inyifato, munyuma wifate neza.

Ikosa rinini abantu bakora, nuko biyumvira ko igihe bataryamye neza bashobora "kugaruza iryo tiro". Ntibishoboka.

Indoto si nk'ibanki, aho ushobora kugira amadeni munyuma ukayishura.

Ariko niko abantu benshi babikora: baryama umwanya muto hagati mu ndwi, bakarondera kuryama cane mu mpera z'indwi.

Ico wokora ni guhindura inyifato.

Ivyigwa vyerekanye ko abantu bataryama neza mu ntango munyuma bagahindura inyifato bagatangura kuryama igihe kirekire, babungabunze amagara yabo, birinda n'indwara ya Alzheimer ikiringo c'imyaka cumi ubagereranije n'abatahinduye inyifato.