Daniel Ntiranyibagira ni Umurundi w'imyaka 40 w'impumyi, aheruka gutsinda ikizamini co kuja muri Kaminuza

Daniel asaba kurondererwa igihugu kirimwo kaminuza yakira abafise ubumuga bwo kutabona
Insiguro y'isanamu, Daniel asaba kurondererwa igihugu kirimwo kaminuza yakira abafise ubumuga bwo kutabona

Daniel Ntiranyibagira ni umurundi wa mbere afise ubumuga bwo kutabona yatoye ikibazo ca reta kimuha uburenganzira bwo kuja muri Kaminuza, ikibazo yatoye uyu mwaka.

Uwu mugabo aturuka mu ntara ya Kayanza yatanguye kwiga mu 1987 ariko we na bagenzi we baciye baheba amashure bageze mu wa gatandatu kubera ata shure ryariho ryisubumbuye ryashobora kubakira.

Daniel Yasubiye kwiga akuze muri 2010 yigana n'ababona, kiretse ko yabaye uwa mbere mw'ishure, aherutse no gutora ikibazo ca reta.

Daniel ashobora no kuvuza umukizi...
Insiguro y'isanamu, Daniel ashobora no kuvuza umukizi...

Akoresha ubuhe buhinga mu kwiga?

Daniel kubera atashobora kwandika ivyigwa nk'abandi banyeshure, yama yitwaza akuma gafata amajwi kugira umwigisha ariko arasigura ace ayafata.

Ageze muhira yaca avuza ayo majwi maze akabona kwandika yitonze akoresheje imashini ordinateur.

Daniel arugurura, agakoresha imashini ya ordinateur wenyene kandi atabona
Insiguro y'isanamu, Daniel arugurura, agakoresha imashini ya ordinateur wenyene kandi atabona

Uwo mugabo arashobora kwiyakiriza imashini mudasobwa akongera agatora aho ibintu vyose biri muri yo ata n'umwe abimweretse.

Ubu rero ingorane afise nuko mu Burundi ata kaminuza ihari ishobora kwakira abantu bafise ubumuga nk'ubu.

Asaba reta ko bomuronderera kaminuza mu kindi gihugu