Ishure rya St John ryashigikiye Neal Hovelmeier ahuza igitsina n'abo bagisangiye

Kuryamana musangiye igitsina canke kwubakana birabujijwe muri Zimbabwe kandi ababikora ntibarabwa ryiza.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuryamana musangiye igitsina canke kwubakana birabujijwe muri Zimbabwe kandi ababikora ntibarabwa ryiza.

Umwigisha wo muri Zimbabwe yaretse inzira abanyeshure yo guhangana n'urwanko mw'ishure rikuru ry'abigenga.

Neal Hovelmeier, icegera c'umuyobozi mw'ishure rya St John ryo ku mugwa mukuru I Harare, yavuze ko ashobora guhangana n'ico kibazo mu gihe " yokwubahuka akavugira ku mugaragaro ibimwerekeye".

Mw'ishure ryashizwe ahabona n'iryo shure, yavuze ko bamwe mubahoze ari abanyeshure biwe bamubwiye mw'ibanga ko baterwa ubwoba bakaninubwa kw'ishure:

"Nagumye numva mbabazwa n'uko twebwe nk'urwego tutigeze dufata ico kibazo mu minwe ngo dutuze urwanko, kandi duhe uburyo bwiza bwo kwiga abanyeshure bakundana basangiye ibitsina kugira na bo bumve ko atawubagwanya."

Uwurongoye iryo shure hamwe n'icegera ciwe basohoye itangazo bashimagiza Hovelmeier, rivuga ko yari "umugabo akundana, ku buryo ivyo yadukoreye mu myaka myinshi yari kuri iryo shure bidashobora kwibagirana".

Iryo shure rikurikiza urutonde rw'ivyigwa rwo mu Bwongereza ryashinzwe mu 1986 rikaba ryigamwo abahungu bafise imyaka iri hagati ya 12-18, nk'uko biri ku rubuga rwaryo.

Kuryamana musangiye igitsina canke kwubakana birabujijwe muri Zimbabwe kandi ababikora ntibarabwa ryiza.

Henshi ntivyoroshe kubaho uzwi neza ko ukundana n'abo musangiye igitsina.

Robert Mugabe, yakuwe ku butegetsi ku nguvu mu mwaka uheze inyuma y'imyaka irenga 30 ari ku butegetsi, yigeze kuvuga ko abakundana basangiye igitsina bari "inyuma y'ingurube n'imbwa" anavuga ko ivyo bitari no mu migenzo nyafrika.