Papa Francis yabwiye abayoboke ba mafia ko badashobora kuba bemera ngo bongere baje muri uwo mugwi

Pope Francis delivers at the Piazza Europa in Piazza Armerina, central Sicily, on 15 September 2018.

Ahavuye isanamu, AFP

Aha icubahiro umupadiri yarasiwe imbere y'umuryango mu myaka 25 irangiye, Paba Francis yasavye abayoboke ba mafia kudatuka izina ry'Imana, bakagendera urukundo.

Papa Francis yashikirije ayo majambo bibuka Padiri Giuseppe Puglisi yaganduguwe bunyamaswa n'abayoboke ba mafia, mu 1993 mu gisagara ca Sicile.

Papa yagabishije "abavukanyi na bashikiwe" ko "badashobora kwemera Imana ngo bongere babe aba Mafiosi" - abikuye ku kuntu abantu benshi bo muri mafia basenga iminsi yose.

Uwo mupadiri yishwe yari azwi cane mu kuba yakorana n'urwaruka, arubuza ibiyovyabwenge na mafia.

Papa yavuze ko Sicile ikeneye "abagabo n'abagore b'urukundo, atari abagabo n'abagore "b'icubahiro", ashaka kuvuga ijambo izo nkozizikibi zikoresha iyo zivuga.

A portrait of Father Giuseppe "Pino" Puglisi, an outspoken anti-Mafia advocate, hangs over about crowd during his beatification ceremony in Palermo on May 25, 2013.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Father Puglisi was famous for a catchphrase: "And what if somebody did something"

"Umuntu w'umu Mafioso ntabaho nk'umukirisu kuko aba atukisha izina ry'Imana," niko Papa Francis yavuze , imbere yo gusaba ati: "benewacu na bashikanje ni muhinduke. Yaco mwikunda canke ngo mukunde amahera yanyu...hinduke mukurikire Imana y'ukuri."

Padiri Puglisi yahavuye agigwa "umumaratiri" n'uwo Papa Francis yasubiriye, Papa Benedigito wa XVI mu 2012.