Papa Francis asaba ubutungane gukurikirana abakoze amabi

Umwungere wa Ekleziya Gatolika Papa Francis yongeye gusaba ikigongwe ku mabi ashingiye ku gitsina yakorewe abana, asaba ko ubutungane bwokurikirana abayakoze.
Uwo mwungere yashikirije ayo majambo mu misa yasomeye "Marian shrine" i Knock, uno munsi ukaba ubaye uwa kabiri mu rugendo arimwo mu gihugu ca Irlande.
(Abakirisu bavuye mu mihingo myinshi y'isi barakunda gutemberera aho "Marian shrine", bikavugwa ko Bikira Mariya yigeze kuhabonekera mu 1879.)
Yavuze ko ata muntu adashobora kubabazwa n'amabi yakorewe abo bana, yabambuye agateka kabo, atuma bahahamuka.
Ni urugendo rwa mbere Papa akoreye mu gihugu ca Irlande mu myaka 39 irangiye.

Bitegekanijwe ko ku munsi wa Mungu ku mugoroba abantu 500000 bazokoranira ku kibuga ca Phoenix c'i Dublin, aho Papa ategekanya gusoma imisa y'abaje mu nama mpuzamakungu y'imiryango.
Mw'ijambo Papa yashikirije ahitwa Dublin Castle yavuze ko biteye isoni kubona Ekleziya Gatolika inanigwa kwitaho ico kibazo c'abana bagirigwa amabi n'abarongoye idini ry'abakirisu b'abagatolika.
Munyuma yahavuye abonana n'abantu umunani bakorewe ubwo bubisha, ababwira ko ayo mabi ashingiye ku gitsina yakozwe n'abihebeyimana ari "ishano".
Umushikiranganji wa mbere wa Irlande Leo Varadkar yagabishije Papa amusaba kugira ico akoze ku bakoze ayo mabi ntagume mu gacerere.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Papa Francis yavuze ko ashikirije Bikira Mariya nyina wa Yezu abantu bose bakorewe amabi n'abihebyimana bo muri Ekleziya ya Irlande.










