Papa ari mu rugendo azohuramwo n'abakorewe amabi

Ahavuye isanamu, Reuters
Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis yiteguye guhura n'abakorewe amabi n'abihebeyimana yashitse mu gihugu ca Irlande, ubwa mbere inyuma yaho umu Papa aheruka aviriyeyo haraheze imyaka 40.
Amaze gushika yaciye aja ku ngoro y'umukuru w'igihugu iri ahitwa Aras aho yahawe ikaze na Perezida Michael D Higgins, be n'umukenyezi wiwe Sabina.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw'ikete ry'uwurongoye abagatolika umuliyaridi umwe n'imiliyoni 200 kw'isi, Papa ariyamiriza "amabi" yakorewe abana hamwe n'ingene abarongoye idini bagiye barayafukira.
Urwo rugendo ruhuye n'inama mpuzamakungu y'imiryango - igikorane c'abagatolika kiba rimwe mu myaka itatu.
Kizorangirana n'imisa izosomerwa abakirisu 500000 ku kibuga Phoenix ku munsi w'Imana.
Agendera ico gihugu ca Irlande yururutse indege, Papa François azoja ahitwa Shepherd One i Dublin, ico gihugu kikaba gitandukanye n'icakiriye Papa Jean-Paul II mu 1979.
Kuva ico gihe c'urugendo rw'uwo mu Papa aturuka mu gihugu ca Pologne, hari vyinshi vyahindutse mu nyifato nk'ibijanye no gukorora imbanyi, kugwanya gusama, kwahukana hamwe no ku vy'ababana basangiye igitsina.
Igihugu caratunganije amatora kamarampaka mu 2015 gisaba ko hogira ibihindugwa mw'ibwirizwa shingiro ku bijanye n'abubakana basangiye ibitsina, biyamiriza ari benshi itegeko rirekura gukuramwo imbanyi mu kwezi kwa gatanu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ekleziya Gatolika yo muri Irlande ihanzwe n'ibiterasoni n'amabi abihebeyimana bakorera abana n'ingene iyo ngeso yagiye iranyegezwa.
Ikibazo c'amabi ashingiye ku gitsina yagiye arakoregwa abana kiguma gihanze Ekleziya kw'isi.
Ku munsi wa gatanu umushikiranganji wa mbere wa Irlande Leo Varadkar, yavuze ko yizeye ko urugendo rwa Papa rugiye gutuma hatangura ikigabane gishasha mu migenderanire hamwe na Ekleziya.
"Muri kahise Ekleziya Gatolika yari ifise uruhara rurenze urugero mu vy'imibano," niko yavuze.
Papa azokwakigwa gute?
Tugarutse mu myaka yo mu 1970, ibice hafi 90% vy'abagatolika baraja mu misa.
Kwahukana, gukuramwo imbanyi no kugwanya gusama vyari bibujijwe n'amategeko.
Kuva ico gihe ukwemera no kuja mu misa vyaragabanutse bitewe n'ibiterasoni vyakogwa, bigatuma Ekleziya itakaza ububasha bwayo.
Umumenyashamakuru wa BBC ku bijanye n'amadini, Martin Bashir, avuga ko Ekleziya igifise ikibanza mu buzima bw'abanyagihugu ariko gito.
"Iracafise ikibanza mu buzima bw'abanyagihugu ariko si ico guhinduza ibintu mu vya politike canke gushingisha canke guhinduza amategeko."
Urugendo rwa Papa rurakomeye mu gihe rubaye inyuma y'imyaka 40, kakaba n'akaryo Papa aronse ko gushobora kuganira na bamwe mu bibasiwe n'amabi yakozwe n'abo muri Ekleziya.
Ku munsi wa gatandatu ku mugoroba, Papa azoja mu giteramo c'imiryango kizobera ku kibuga ca Croke mu gisagara ca Dublin.










