Papa yongeye gusaba imbabazi ku vyaha vy'ihohotera rifatiye ku gitsina

Papa Francis avuga ko ivyaha vyakoze n'abayobozi muri Katolika bidakwiye gukomeza gufakafukwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Papa Francis avuga ko ivyaha vyakoze n'abayobozi muri Katolika bidakwiye gukomeza gufakafukwa

Papa yanditse ibaruwa risaba imbabazi ku vyaha vyakorewe abana, inyuma y'aho abapatiri barenga amajana atatu bo muri leta ya Pennyslvania muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, bagiririjweko bahohoteye abana.

Ivyo vyaha bivugwa ko vyakozwe ku bana barenga igihumbi, mu myaka mirongo ibiri.

Papa Francis yavuze ko Ekleziya Katolika yahevye abana bayo,.

Yavuze ko ari ngombwa kudakomeza gufukafuka ico caha c'ihohotera rifatiye ku gitsina mu muryango wa Ekleziya Katolika.

Umwe mu bategetsi ba Vatican yavuze ko ari ubwa mbere Papa arungikira miriyaridi imwe na miliyoni amajana abiri z'aba Katolika kw'isi hose, urwandiko rwerekeya ivyo vyaha vy'ihohotera ry'abana rifatiye ku gitsina.