Moise Katumbi yankiwe kwinjira muri RD Congo gutanga impapuro zo gusaba kwitoza mu kibanza ca Prezida.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'abatavuga rumwe na reta muri reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Moise Katumbi, yankiwe gusubira mu gihugu ciwe. Ku mugoroba yavuye ku mupaka wa aho yashaka kwinjirira, asubira mugihugu hagati ca Zambiya.
Ivyo vyabaye inyuma y'aho leta ya Congo yankiye uwo yahoze arongoye intara ya Katanga aba mu buhungiro muri Afrika yepfo kugaruka mu gihugu ciwe.
Katumbi yasavye uruhusha rwo kwinjira muri ico gihugu uyu musi mu gitondo kugira aje gushikiriza impapuro akanama kajejwe gutegura amatora, zerekana ko umugambwe wiwe ari we washize imbere mu matora y'umukuru w'igihugu.
Kuva mu gatondo, abajejwe umutekano i Lubumbashi bari bazibiye ibarabara rikuru.
Igipolisi na co kirakwiragizwa mu bibanza vyegereye ikibuga c'indege, ca Lubumbashi.

Moise Katumbi ni nde?
- Izina ryiwe rya nyuma ni Tshapwe
- Azwi kw'izina rya Moise Katumbi mu gihugu ca Zambia aho yabaye imyaka myinshi
- Yavuze itariki 28 ukwezi kwa cumi na kabiri mu 1964, mu karere ka Kashobwe
- N'uwo mu bwoko bw'ababemba
- Basangiye se na Katebe Katoto, azwi kw'izina rya Rafael Soriano, umuyoboke wa Laurent Nkunda
- Se wiwe ni Nissim Soriano, umutaliyano w'umuyahudi ava i Rhodes
- Nyina wiwe ni Virginie Katumbi, wo mu muryango w'abami wa Kazembe
- Ni prezida w'umugwi w'umupira w'amaguru wa TP Mazembe w'i Lubumbashi
- Azwi cane ko akunda kwambara inkofero yo mu bwoko 'Cowboy'
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Lambert Mende avuga ko uwo yahoze arongoye intara itunze cane mu mabuye y'agaciro azohagarikwa igihe yogerageza kwinjira muri Congo akoresheje indege itwara ingenzi.
Katumbi yavuye muri Congo mu 2016 inyuma yo gucanamwo na prezida Joseph Kabila.
Mu nyuma yaritwariwe ku caha c'ubusuma acibwa urubanza rwo gupfungwa imyaka itatu atari ho ari.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwundi mukuru w'abatavuga rumwe na reta -Jean Pierre Bemba - yaragarutse muri Congo ku musi wa gatatu yari amaze imyaka 10 atari muri ico gihugu.
Yarashikirije impapuro ziwe zo kwitoza mu kibanza ca prezida ku musi wa kane.
Imbere y'ibiro vy'akanama kajejwe gutegura amatora, Bemba yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ati:"Ndashobora kwemeza ko nari mfise ikarata y'itora kandi nashikanye impapuro zose zikenewe."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko umugambwe uri ku butegetsi uvuga ko adakwiye kwitoza kubera ikirego c'igiturire aregwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha TPIR.
Yarunguruje ahakana ivyo aregwa.










