Sentare mpuzamakungu, ICC yategetse ko J P Bemba arekurwa

Jean-Pierre Bemba

Ahavuye isanamu, AFP

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y' i La Haye itegetse ko uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Repubulika iharanira Demokarasi Congo Jean Pierre bemba arekurwa.

Abashingwamanza baburanira Jean-Pierre Bemba, bari basavye ubucamanz ako yorekurwa.

Mu ndwi iheze, Sentare y'iyungururizo yamugize umwere ku vyaha vyo mu ntambara n'ibikorerwa ikiremwa muntu, ivuga ko "bamurenganije".

Bemba yari yaciriwe urubanza mu 2016, ahamwa n'ivyaha ingabo ziwe zakoze mu gihugu kibanyi ca Centre Afrique hagati ya 2002 na 2003.

Abasirikare biwe barungitswe muri Centre Afrique gutesha itembagazwa ry'ubutegetsi bakoreyeyo ivyaha vy'agahomerabunwa ku banyagihugu - ivyaha, abacamanza ba mbere bavuze ko Bemba yari abizi ariko ataco yakoze ngo abihagarike.

Iyo ngingo ije ihagarika igifungo c'imyaka 18 yari yaciriwe yakiriwe n'impundu z'umunezero z'abamushigikiye.

Umushikirizamanza wa ICC Fatou Bensouda yavuze ko urwo rubanza "rubabaje kandi rurimwo amakenga". Amnesty International na yo ivuga ko ari "akababaro" ku bantu "bafashwe kunguvu".

Uwo yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Congo ubu arindiriye urundi rubanza ataco rusana n'urwo inyuma y'aho arutsindiwe mw'iyungururizo.

Yari yaciriwe gupfungwa umwaka wose n'ihadabu ry'amadolari ibihumbi 350 azira kuba yarahaye ibiturire ivyabona mu rubanza yagirizwamwo ivyaha vyo mu ntambara.

ICC ubu itegerezwa kumucira ikindi gihano gishobora gushika ku myaka itanu y'igipfungo.