Abimukira bari mu bwato Aquarius bakiriwe muri Espagne

Ahavuye isanamu, EPA
Abimukira barokowe mu kiyaga Mediterranee, banka kwakirwa n'Ubutaliyano na Malte bashitse muri Espagne ku kivuko ca Valence.
Bumwe mu bwato butato bwinjiye kuri ico kivuko mu gatondo ka kare.
Aquarius yarokoye abimukira 629 mu ndwi iheze, na bwo bashitse inyuma y'amasaha atari make buzanye uwundi mugwi w'abimukira.
Umugwi w'abaganga n'abasemuzi bamaze gushika kugira bafashe.
Reta ya Espagne yabemereye kuvugwa ku buntu kandi ko izogira amatohoza kuri umwe umwe wese muri abo baje gusaba ubuhungiro.
"Biri mu mabanga yacu kurokora aba bantu no kubazana ku kivuko gifise umutekano mu gukurikiza amategeko y'agateka ka zina muntu," ni ko umushikiranganji wa mbere Pedro Sanchez yavuze mu ntango z'iyi ndwi.

Kuva ashikiriye ubutegetsi mu ndwi zibiri ziheze, yarerekanye ko atagwanya abimukira.
Abimukira bakirwa gute?
Ubwato bwabacungera ikiyaga mu Butaliyano, Dattilo, bwinjiye ku kivuko ca Valence isaha 06:20 (04:20 GMT).
Bwari butwaye abimukira 274 nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'Ubutaliyano Ansa.
Ku kivuko ca Valence, abakozi b'umuryango utabara imbabare Croix Rouge bari bahashitse baramutsa abo bimukira igihe bariko baruruka bava mu bwato.
N'igipolisi cari cahashitse gufata mu minwe ico kibazo.











