Korea ya ruguru yise icegera ca Trump, Mike Pence, "ikigugu"

Ahavuye isanamu, Reuters
Korea ya ruguru yise icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika, Mike Pence, ikintazi n'ikigugu yongera ivuga ko inama itegekanijwe hagati y'ivyo bihugu bibiri ishobora kutaba.
Pyongyang yashikirije ayo majambo inyuma y'ikiganiro catanzwe na Bwana Pence, aho yavuze ko Korea ya ruguru ishobora kurangiza nka Libiya igihe itoba igiranye amasezerano na Washington.
Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire ya Korea ya ruguru, Choe Son-hui yavuze ko igihugu ciwe kitazigera gitakamba ngo hatunganywe ibiganiro na Amerika.

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida Trump n'indongozi ya Korea ya ruguru, Kim Jong-un, bategekanya guhurira i Singapour mu kwezi kuza.
Bwana Trump aja yaravuze ko uwo mubonano ushobora kutaba.






