Ingwara ya Ebola muri RD Congo 'ntirakwiragira hose'

Health workers wear protective equipment as they prepare to attend to suspected Ebola patients at Bikoro Hospital on 13 May 2018

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uwukekwako ingwara ya Ebola ariko aravurigwa mu bitaro biri ukwavyonyene muri RD Congo

Iyaduka rya Ebola muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ntiraba ikibazo giteye umutima uhagaze amakungu, nk'uko bivugwa na OMS.

Yavuze ko hari " ibituma bikomeye vyemeza ko ishobora kugwanywa".

Abantu 45 ni bo boba bamaze kwandura iyo ngwara kuva yadutse muri iyi misi ya vuba, abandi 25 bapfuye bakaba bariko baragirwako amatohoza.

Iyo ngwara yadutse mu gihugu hagati, aho umwe vyemejwe ko ayigwaye mu buraruko bushira uburengero bw'igisagara ca Mbandaka.

Ico gisagara kibamwo abantu umuliyoni kiri ku nkengera y'uruzi rwa Congo, hakaba hari ubwoba ko uwo mugera ukwiragira henshi, nko ku mugwa mukuru Kinshasa no mu bihugu bibanyi.

Map of Ebola outbreak in DR Congo

Ebola n'ingwara yandukira igatuma umuntu avira imbere kandi igashobora kwica umuntu vyihuse.

Yandukira vyihuse iciye mu mazi make y'umubiri w'umuntu, kandi ibimenyetso vyayo bisa n'ivy'akamangu ntibikunze kugaragara.