Bidasanzwe leta ya Kongo yemereye abayirwanya guterana

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abatavuga rumwe na leta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo bateguye igikorane, kikaba ari icambere cemewe na leta mu kiringo kingana imyaka ibiri.
Umukandida w'umugambwe utavuga rumwe na leta, UDPS, mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa cumi na kabiri, Felix Tshisekedi, araza gushikiriza ijambo ku kibuga c'umupira w'amaguru i Kinshasa.
Felix Tshisekedi aheruka kwagiriza umukuru w'igihugu Joseph Kabila, kuba ari umuntu atwaza igitugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bwana Kabila yagomba kuba yaravuye ku butegetsi mu 2016 ariko amatora yagumye yigizwa inyuma, akaba mbere yaranagirijwe kuba ashaka kwigumiza ku butegetsi.
Mu ntango z'uno mwaka, ishengero Gatolika risanzwe rifise abariyoboka benshi, ryatunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza leta, ihagarikwa ku nguvu n'igisirikare abantu bashika 15 bararaswa.






