Umuganga muri Kenya yabaze mu mutwe umurwayi atari we

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuganga yahagaritswe mu kazi inyuma yaho yitiranije abagwayi, abaga mu mutwe umuntu bitari bikenewe ko abagwa, ku bitaro vy'i Nairobi Kenyatta National Hospital.
Umugwayi umwe yari akeneye kubagwa bitewe nuko amaraso yavuriye mu bwonko, uwundi nawe akaba yarakeneye kuvugwa ikivyimbe.
Vyari bikenewe ko uwo amaraso yavuriye mu bwonko abagwa ningoga ariko haciye habagwa uwo muntu yari afise ikivyimbe ku mutwe.
Uwamubaze yamenye ko yihenze amaze kumwugurura umutwe.
Uwurongoye ibitaro avuga ko uwo muntu yabazwe ku makosa ariko aratora mitende, ko itohoza ririko rirakogwa.
Ninde ahanwa?
Abaganga bo bashigikiye mugenzi wabo, basaba ko hohanwa abanyuranije udukaratasi twambikwa abagwayi ku kuboko, dusobanura ivyo umuntu agwaye.
Umugwi nyobozi w'ibitaro wavuze ko ari ubwa mbere ibintu nk'ivyo biba.
Wasavye ko woshikirizwa icegeranyo ku vyabaye, ukaba utegekanya kwumviriza abafise uruhara mu vyabaye.










