Uwurongoye abandi muri Kaminuza yishwe muri Kenya

Ahavuye isanamu, HISANI, FACEBOOK
Urupfu rw'umunyeshuli wa Kaminuza muri Kenya rwavyuye ibimaze iminsi bivugwa ku bijanye n'ubwicanyi ndengerabutungane bukogwa n'urwego rw'igipolisi.
Uwo munyeshuli - Evans Njoroge - yarashwe mu myiyerekano yakozwe ejo, abanyeshuli bidogera iduzwa ry'amahera y'ishuli kuri iyo kaminuza ya Meru University.
Ibinyamakuru vyo muri ako gace, bivuga ko igipolisi cakurikiye Evans mu murima iwe, kimurasirayo.
Umukuru w'igipolisi Joseph Boinnet yategetse ko hakogwa itohoza ku bijanye n'urwo rupfu, mu gihe hamaze igihe abanyepolitike n'abaharanira agateka ka zina muntu basaba igipolisi guhagarika gukoresha inguvu nyinshi.
Bino bibaye mu gihe ikigo giharanira agateka ka zina muntu "Human Rights Watch" (HRW), cashize ahabona ivyemezo bishasha, ko igipolisi cishe abantu 23 mu matora ya kabiri y'umukuru w'igihugu mu mwaka uheze.
Ku bw'ico cegeranyo, igisata gisuzuma ingene umuntu yapfuye, kivuga ko benshi mu bishwe barasiwe hafi, hakoreshejwe inkoho za rutura.
Igipolisi kirahakana ivyo birego.






