Abanyeshure batanu bishwe barasiwe kw'ishure muri Kenya

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Abanyeshure bashika batanu hamwe n'umurinzi umwe biciwe mu gitero kw'ishure ryisumbuye mu buraruko bwa Kenya, hafi y'urubibe na Sudani y'epfo.
Umukuru w'iryo shure yavuze ko uwari imbere muri ico gitero ari umunyeshure yari yirukanywe kubera kurwana n'uwundi munyeshure.
Yari yabwiwe kugaruka kw'ishure azanye abavyeyi ariko ntavyo yakoze.
Ahubwo, nk'uko bivugwa n'ababibonye, yagarutse kw'ishure yinyegeje mw'ijoro ari kumwe n'abandi bantu babiri.
Bivugwa ko barashe umurunzi bakamwica, baca binjira mu buraro bw'ishure barondera umunyeshure yari yatumwe uwo wundi yirukanwa, ariko siho yari ari.
Bishe banasambaya ku nguvu
Ababibonye bavuga ko aba bateye baciye barasa abanyeshure b'abahungu batanu, basambanya ku nguvu abakobwa babiri banakomeretsa abandi banyeshure 18.
Ishirahamwe ritabara indembe, Croix Rouge, ryo muri Kenya ryavuze ko ryatwaye kwa muganga abakomeretse.
Ishure Lokichogio riri hafi y'urubibe na Sudani y'epfo hamwe na Ethiopia, kandi abungere bo mu bibano bihegereye bitwaza inkoho iyo baragiye.










